Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibinugwanugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi ku wa Kabiri
Abakinyi ba Manchester United bipfuza ko umumenyereza Ole Gunnar Solskjaer agigwa umumenyereza bwegu. (Mirror)
Umugwi Séville uramaze kugirana ibiganiro na Chelsea mu ntumbero yo guha akazi ku mukopo gushika ihiganwa rirangire, umukinyi w'imbere Alvaro Morata w'imyaka 26. (Goal.com)
Iyimuka rya Cesc Fabregas mu mugwi Monaco riracarindirijwe kuberako uwo mugwi wa Ligue 1 utarumvikana amahera na Chelsea, kuri uwo mukinyi wo muri Espagne w'imyaka 31. (Evening Standard)
Umugwi Atletico Madrid hamwe n'umukinyi w'inyuma Diego Godin w'imyaka 32, baranse amahera atangwa na Manchester United. (Tutto Mercato Web)
Real Madrid iriko irondera guha akazi umukinyi wo hagati kandi asatira, Christian Eriksen w'imyaka 26, akina muri Tottenham, bakibaza ko batazomurenzako imiliyoni 100 z'amapawundi (£100m) (Independent)
Eriksen aturuka mu gihugu ca Danemark asaba ko amahera amapawundi 70000 yohembwa ku ndwi yokubwamwo kabiri, mu masezerano mashasha yipfuza gupfundika na Tottenham. (Mail)
Juventus ivuga ko izokwihweza ko yogurisha mu ci riza umukinyi arondegwa na Manchester City, Paulo Dybala w'imyaka 25, igihe yoba ihawe amahera arenga imiliyoni 90 z'amapawundi kuri uwo mukinyi w'imbere aturuka mu gihugu ca Argentine. (Tuttosport via Express)
Manchester City, Bayern Munich na Paris St-Germain ntibashoboye kwemeregwa ku mahera bipfuza gutanga kuri uwo mukinyi. (Tuttosport - in Italian)
Fulham yakurikiye Burnley, Cardiff na Newcastle United mu kurondera guha akazi umukinyi w'imbere ku ruhande wa Marseille, Clinton N'Jie w'imyaka 25, aturuka muri Cameroun. (Mail)
Borussia Dortmund na Bayern Munich bashobora kurondera umukinyi w'imbere wa RB Leipzig, Timo Werner w'imyaka 22, aturuka mu gihugu c'Ubudagi, arondegwa kandi n'umugwi wa Liverpool. (Bild - in German)
Chelsea iripfuza umukinyi wo hagati wa Cagliari yashizwe ku miliyoni 45 z'amapawundi, Nicolo Barella w'imyaka 21, ariko igashobora kumugwanira na Napoli hamwe na Inter Milan mu gihe bivugwa ko yumva atova mw'ihiganwa Serie A muri kuno kwezi kwa mbere. (Goal.com)
Unai Emery yasavye ashimitse Arsenal kurondera amahera ngo iheraheze kugura muri kuno kwezi umukinyi wo hagati wa Barcelone, Denis Suarez w'imyaka 25.
Arsenal yipfuza guha akazi umukinyi w'imbere aturuka mu Bubiligi, Yannick Carrasco. Uwo mukinyi w'imyaka 25 yavuye muri Atletico Madrid mu kwezi kwa Kabiri mu mwaka uheze, aja mu Bushinwa mw'ihiganwa Chinese Super League mu mugwi Dalian Yifang. (Mirror)
West Ham yipfuza guha akazi umukinyi w'imbere wa Inter Milan na Brésil, Gabriel Barbosa. Uwo mukinyi w'imyaka 22 yakopeshejwe mu mugwi w'aba Hammers gushika mu mpera za rino higanwa. (Mirror)
Umumenyereza wa Derby Frank Lampard yarananiwe kuzana umukinyi w'inyuma hagati w'imyaka 18, Ethan Ampadu, ari mu mugwi yahora akinamwo Chelsea. (Independent)
Arsenal na Manchester United bariko baragwanira umunyezamu w'umugwi Cruzeiro, Gabriel Brazao w'imyaka 18, aturuka mu gihugu ca Brésil. (Teamtalk)
Juventus iriko iranyarutsa kuzana umukinyi wo hagati wa Real Madrid, umunya Espagne Isco w'imyaka 26. (Tuttosport - in Italian)
Liverpool na Everton bariko bagwanira guha akazi umunya Portugal Bruno Fernandes w'imyaka 24, akina hagati mu mugwi Sporting Lisbon. (A Bola - via 90min)
Fulham yarakunze umukinyi w'inyuma i buryo wa Bordeaux, Youssouf Sabaly w'imyaka 25, aturuka mu gihugu ca Senegal. (L'Equipe - in French)
Crystal Palace yipfuza umukinyi w'imbere wa Everton, Oumar Niasse w'imyaka 28, aturuka muri Sénégal. (Evening Standard)