Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukunanigwa kwa Jose Mourinho muri United gushingiye kuki?
Jose Mourinho yirukanywe mu bumenyereza bw'umugwi Manchester United, ariko naho iyo nkuru ivuna intege uravye ijunja ry'umumenyereza n'umugwi, nta numwe ikwiye gutangaza.
Mu vyukuri icotangaza nuko iyo ngingo vyatevye ko ifatwa.
Yari kuba yafashwe mu mezi yahera iyo umugwi udakora ibitangaza uhura na Newcastle - iri mu migwi itatu ya nyuma- ugatsinda Utd 2-0, munyuma uwo mugwi ukagaruza ivyo bitsindo, ukanatsinda 3-2.
Ariko reka ntidutangazwe cane n'ivy'umupira w'amaguru. Ivyabaye birakunda gushikira abantu - igihe umuntu w'ijunja rinini ahawe amabanga akomeye cane.
Ku buryo busigurika, ubushakashatsi bwa kino gihe burerekana uburyo butandatu bw'ingene isinema ironka agashimwe.
Iyiri mu mugwi wa "Icare", inzira y'inkuru yayo iraduga munyuma ikamanuka; iyiri mu mugwi wa "Cendrillon" ifata inzira yo kuduga - kumanuka - kuduga.
Ku vyerekeye Mourinho igihe yari Old Trafford inzira yiwe kwoba kumanuka- kuduga- kumanuka - kumanuka - kumanuka. Munyuma kumanuka cane.
Mourinho yavyifatamwo gute?
Ukwo Mourinho yakoze mu migwi yagiye aracamwo kugizwe n'ibice bitatu. Umwaka wa mbere: kuduza umugwi urondera intsinzi.
Umwaka wa kabiri: gushika ku ntsinzi. Umwaka wa gatatu: gushwana n'uwariwe wese, ugakara, ugasohora amajambo y'ubumara.
Ivyo nivyo vyabaye ari mu migwi ya Chelsea, Inter Milan, Real Madrid, na Chelsea kandi.
Ariko muri Man Utd ntivyagenze nkuko ahandi vyari biri. Igice ca kabiri nticigeze gishikwako. Yarubatse umugwi munyuma aca arawusambura.
Kubera iki vyabaye ukwo?
Tutarenganije, Manchester United yatwaye igikombe ca Europa League mu mwaka wa mbere wa Mourinho - yagitwaye abakinyi bagituntujwe n'igitero cagabwe kuri Manchester Arena.
Uwo mwaka Utd yarangije ari iya gatandatu mw'ihiganwa. Babaye abahinga mu kunganya, babifashijwe n'abakinyi b'inyuma bakomeye kandi bakoresha ubwenge.
Ivyo sivyo abakunzi ba Utd bo ku mumenyereza Sir Alex Ferguson bari bamenyereye.
Urukino rwa Ferguson kwari gusatira no kwubahuka - abakinyi ntibashobora kwibaza ko bashobora gutsindwa.
Kuri Mourinho, kwari kuzibira hamwe n'ubwoba bwinshi.
Yarondera guhiganwa na Guardiola
Mourinho yarahawe igihe co kugeragezwa bitewe n'imvo zibiri zari zisanzwe zizwi nk'ukuri: ubwa mbere vyari bizwi ko ariko aranagura umugwi inyuma yaho David Moyes na Louis van Gaal bibatereye k'uw'amazi inyuma y'umumenyereza Ferguson; ubwa kabiri vyari bizwi ko Mourinho yama aruhira gutwara igikombe.
Abakunzi b'umugwi ntibanezerezwa n'ingene Mancchester United ikina, ivyo bikaba vyagiye kwunyuka ku mvo zibiri.
Ubwa mbere - muri ico gisagara nyene, Manchester City ya Pep Guardiola yakina urukino rumwe n'urwo United yahora ikina.
Mu mwaka wa kabiri wa Mourinho - ari nawo yaronsemwo vyukuri igikombe - yahejeje ari uwa kabiri, ariko yatsinzwe vyukuri mu gihe yari inyuma y'uwa mbere amanota 19.
Ivyo bitegerezwa kuba vyarababaje Mourinho cane.
Guardiola niwe muntu yatumye Mourinho yibagigwa, yarasanzwe afatwa nk'umumenyereza bose bipfuza kw'isi.
Guhangana n'abakinyi biwe
Inyifato yiwe mu biganiro n'itangazamakuru mu bigo vya Manchester United vyabaye ukwikingira nka kurya umugwi wiwe ukina - ariko we akongerako agashavu.
Igihe ashika ubwa mbere mu Bwongereza yarakunze ingene ibigo vy'itangazamakuru vyamwitwararika, bikongera bikamukunda.
Ikibi nuko muri mwen'ivyo bihe, ari naho yashobora kuvuga nabi abakinyi biwe.
Ubwo buryo ni bubi cane. Burashobora gukora ku mukinyi w'impano ashobora kuba atitanze wese, munyuma akikebuka agashobora gushiramwo ishaka.
Ariko kugira nk'ivyo ku mukinyi nka Luke Shaw - yaheruka gukomereka ku kuguru yariko ararondera gukira ngo asubire kumera neza - yumva aba akozwe mu gikomere.
Umugwi waraguye hasi cane
Mu vyumba vyo kwambariramwo, abakinyi bari bamaze kubona ko hari ibitagenda neza, ntibari baryohewe.
Uno mwaka Mourinho yashinga ijisho umukinyi wo hagati Paul Pogba, umukinyi Manchester United yatumye aba uwa mbere kw'isi atanzweko amahera menshi cane.
Pogba - yiyerekanye ko ari umukinyi rurangiranwa w'Ubufaransa mu ci riheze - yama ashigwa ku ntebe y'abasubirizi.
Yarahawe agaciro n'abatwaye igikombe c'isi, ariko asuzugugwa n'umugwi wiwe ugeze ahatemba.
Abakinyi batatu ba mbere bahembwa neza mw'ihiganwa rya Premier League - Sanchez, Pogba na Lukaku bari muri United, ariko Mourinho ntiyigeze agira ico abakuyeko kiboneka.
Nta rukino rwiza Mourinho yigeze abakurako. Amajambo yakunda gushikiriza ntiyari agishingiye ku mugwi, yarayo gukingira izina ryiwe - agasigura ko igituma umugwi utifashe neza ko ari kubera ata ruhara afise mu kurondera abakinyi, kugira ngo isi yose imenye ko amakosa aturuka ku burongozi bw'umugwi.
Igihe United itsindiwe na Liverpool 3-1 ku munsi wa Mungu, warabona ko amaherezo yiwe ashitse.
Kuva mu myaka yo mu 1950, United yarerekana ko ikina vyukuri ihuye n'uwo mugwi.
Mu rukino ruheruka, icatangaje nuko usanga Liverpool vyayifashe igihe kirekire ngo igere kuri urwo rugero rwo gukina.
Uwigeze kuba kapitene wa Manchester United, Roy Keane yabivuze mu majambo make: "Umuntu yoba aje ava ku kwezi uno munsi, akaraba Manchester United yosanga ari umugwi ubayabaye muri Premier League."
Ubuzima bwo mw'ihoteri
Mu gihe hari inkino zitanu United ishobora gutsinda hamwe n'akaryo ko mu kwezi kwa Mbere ko guhererekana abakinyi, umugwi nyobozi wa Manchester United wafashe ingingo hageze.
Babikoze kuberako bemera ko umugwi ukomeye kurusha umuntu umwe, kandi bakibaza ko umumenyereza mushasha azotegera akarangamutima k'umugwi harimwo n'inkino yo gusatira.
Ivyo yari yabisabwe igihe co gupfundika amasezerano ariko biribonekeza ko Mourinho yarazi ko atavyo azoshikako. Gusatira sivyo imigwi amenyereza ikora.
Kumbure nico gituma yafashe ingingo yo kuguma mw'ihoteri mu gisagara ca Manchester, ntarondere inzu.
Ubu arashobora kuyivamwo.