Cristiano Ronaldo yahawe ikarata itukura, ashobora kudakina mu rukino ruzobahuza na Manchester United?

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Cristiano Ronaldo yarize ahawe ikarata itukura mu bintu bidasobanutse neza mu rukino rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, rwariko rurahuza Juventus na Valence.

Uwo mukinyi w'imbere wa Portugal yariko arakinira umugwi wa Juventus urukino rwa mbere rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, kuva yimukiye muri uwo mugwi.

Yagaragaye akwega imishatsi y'umukinyi w'inyuma wa Valence, Jeison Murillo, igihe bariko baragwanira umupira ku munota wa 29.

Umuhagarikizi mukuru w'urwo rukino Felix Brych yavuganye na mugenzi we wo ku ruhande imbere yo kwereka Ronaldo ikarata itukura atazuyaje.

Juve yasigaranye abakinyi cumi gusa mu kibuga, bitaye ku rutare baraninjiza n'igitego imbere y'umwanya muto ngo igice ca mbere kirangire, kuri penalite yatewe na Miralem Pjanic.

Inyuma y'umwanya muto igice ca kabiri gitanguye, uwo mukinyi wo hagati ava mu gihugu ca Bosnia yinjije ikindi gitego ateye iyindi penalite ku munota wa 51.

Miralem Pjanic ariko yinjiza penalite ya Juventus

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Pjanic ndiye ni we mukinyi wa mbere yinjije penalite zibiri mu rukino rumwe mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.

Mu nyuma na Valence yahawe penalite yatewe na Daniel Parejo, ariko umunyegoli wa Juve Wojciech Szczesny ayikuramwo, bituma urukino rurangira abataliyano badatsinzwe igitego na kimwe.

Amosozi ya Ronaldo

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ronaldo yafashije Real Madrid gutwara igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo incuro zine mu myaka itanu

Yagaragaye ababaye cane inyuma yo kwimukira muri uwo mugwi wa Juve avuye muri Real Madrid ku miliyoni 99.2 z'amapawundi mu ci riheze.

Yari yatanguye kwerekana ubuhinga bwiwe aho yigeze gushaka gutera mw'igoli agakingirwa na Murillo yari yamaze kugwa hasi.

Bubaye ubwa mbere yirukanwa mu kibuga mu rukino rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.

Presentational grey line

Ingene inkino zo ku musi wa gatatu zagenze

  • Ajax 3-0 AEK Athens
  • Shakhtar Donetsk 2-2 Hoffenheim
  • Benfica0-2 Bayern Munich
  • Man City 1-2 Lyon
  • Real Madrid 3-0 Roma
  • Viktoria Plzen 2-2 CSKA Moscow
  • Valencia 0-2 Juventus
  • Young Boys 0-3 Man Utd
Presentational grey line

Ronaldo azoba ariri mu kibuga mu rukino ruzobahuza na Manchester United?

Cristiano Ronaldo azosubira gukina mu ruhe rukino? Mbega birashoboka ko atazokina igihe bazoba bariko barahura n'umugwi yahoze akinamwo wa Manchester United ku kibuga ca Old Trafford?

Manchester United bari mw'itsinda rimwe na Juve, Young Boys na Valence.

Biratandukanye no mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza aho uronse ikarata itukura ukoze ikosa uca usiba imikino itatu, kuko muri Uefa bafata iyo ngingo babanje kwihweza uko ikosa rimeze.

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Cristiano Ronaldo yagaragaye ashavuye cane amaze kwirukanwa mu kibuga

Nta nkeka rero ko Ronaldo w'imyaka 33 atazokina urukino ruzokurikira rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya ruzobahuza na Young Boys itariki 22 z'ukwezi kwa cumi.

Mu gihe yoronka igiano co kudakina inkino zibiri, ntazoba akigize uruhara mu rukino ruzohuza Juventus na Manchester United itariki 23 z'ukwezi kwa cumi ku kibuga ca Old Trafford.