Umunyezamu wa Tottenham Hugo Lloris yemeye amande yo kugendesha imodoka yanyoye inzoga

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwo munyezamu akaba na kapitene w'umugwi w'Ubufaransa watwaye igikombe c'isi, yakatiwe amande y'amapawundi 50000 mu kuba yagendesheje imodoka yiwe ya Porsche yasomye incuro zibiri igipimo kirekuriwe abatwara imodoka.
Hugo Lloris yemeye amakosa igihe afatwa n'igipolisi mu gisagara ca Londres.
Yafatiwe ahitwa Marylebone i Gloucester mu mutwenzi itariki 24 z'ukwezi kw'umunani.
Uwo mugabo w'imyaka 31 aba ahitwa East Finchley, yemeye amakosa igihe yari muri sentare ya Westminster.
Yatangishijwe amande amapawundi 50000, abuzwa kugendesha imodoka ku kiringo c'amezi 20.
Igipolisi cabonye imodoka yo mu bwoko bwa Porsche Panamera igendera ku murindi wa 24km/h, mu karere gasabwamwo kugendesha ku 48km/h.
Igihe igipolisi gihagarikiye iyo modoka, casanze yadashwe, kibona ko gikwiye gufasha Lloris kuva mu modoka.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umucamanza Amanda Barron yavuze ko yagize "amahigwe adasanzwe" mu kuba atagonze izindi modoka canke abantu barengana", kandi ivyo yakoze vyari gushobora kubangamira ubuzima bw'abatwaye.
Sentare yasanze uwo munyezamu w'aba Spurs igipimo c'inzoga yanyoye kiri kuri 80, mu gihe amategeko asaba ko kitorenga 35, iyo umuntu ahemeye mu gipimisho cabigenewe.

Ahavuye isanamu, Reuters
David Sonn, amuvugira, yavuze ko Lloris yari yagiye mu bunywero munyuma abagenzi biwe bamusukako inzoga binezereza.
"Kw'itariki 15 ukwezi kw'indwi niwe muntu yararyohewe cane kw'isi mu kuba yarongoye umugwi w'Ubufaransa ugatwara igikombe," niko Bwana Sonn avuga.
"Inyuma y'iminsi 40, yafashwe. Biratesha agateka gupfungwa amapingu, ukarara mu gasho k'igipolisi.
Igihe akatigwa, umucamanza yavuze ko amande yatangishijwe ajanye n'uburemere bw'icaha, n'uburyo uwo munyezamu afise.
Uwo mu kapitene w'aba Spurs akina muri uwo mugwi kuva mu 2012.










