Barcelona yumvikanye na Bayern Munich ku kugura Arturo Vidal

Arturo Vidal (uri hagati) yafashije Bayern Munich gutwara ibikombe bitatu bya shampiyona y'Ubudage mu myaka itatu yamaze muri iyi kipe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Arturo Vidal (uri hagati) yafashije Bayern Munich gutwara ibikombe bitatu bya shampiyona y'Ubudage mu myaka itatu yamaze muri iyi kipe

Ikipe ya Barcelona yumvikanye na Bayern Munich ku kugura Arturo Vidal, umukinnyi wo hagati ukomoka mu gihugu cya Chili, akaba agiye gukinira Barcelona mu gihe cy'imyaka itatu.

Amafaranga azagurwa ntabwo yatangajwe.

Mu minsi iri imbere, Vidal w'imyaka 31 y'amavuko azakorerwa ibizamini byo kwa muganga ngo harebwe niba ameze neza bimwemerera gukina.

Vidal yageze mu ikipe ya Bayern mu mwaka wa 2015 avuye mu ikipe ya Juventus.

Mu myaka itatu yari amaze muri Bayern, yayifashije gutwara igikombe cya shampiyona y'Ubudage muri iyo myaka yose.

Itangazo ry'ikipe ya Barcelona rivuga ko "mu minsi ya vuba Barcelona izatangariza buri wese ukuhagera k'uyu mukinnyi ndetse na gahunda y'ibirori byo kumwerekana."

Nyuma yaho gato, ikipe ya Bayern, ibinyujije ku mbuga nkoranyambaga, yatangaje ko Vidal yamaze kuyivamo yerekeza muri Barcelona.

Karl-Heinz Rummenigge, umuyobozi mukuru wa Bayern, yagize ati:

"Tunejejwe no gushimira Arturo ku ruhare yagize mu ikipe kandi tumwifurije ishya n'ihirwe muri Espanye."

Barcelona ni yo ifite igikombe cya shampiyona cy'umwaka ushize muri Espanye.