Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bournemouth 0-2 Manchester United
Intsinzi ya Manchester United y'ibitego 2-0 bwa Bournemouth yerekanye ko abakinyi biteguriye gutana mu mitwe na Tottenham mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'ihiganwa ry'igikombe ca FA, nk'uko bivugwa n'umumenyereza Jose Mournho.
Mourinho amaze guhindura abakinyi indwi kuva inyuma y'aho Manchester United itsindiwe iri ku kibuga cayo n'umugwi uri mu yanyuma wa West Brom.
Chris Smalling hamwe na Romelu Lukaku yari ahejeje kugombora ni bo batsinze ku kibuga ca Vitality, baca batuma uwo mugwi urusha amanota ane yose Liverpool iza mu kibanza ca kane mu nkino zine zisigaye.
Mourinho yavuze ko urwo rukino ari akaryo keza ku bakinyi ku kuja ku rutonde rw'abazohangana na Tottenham mw'ihiganwa ry'igikombe ca FA, ari na ko karyo kanyuma konyene basigaranye ko gushobora gutahukana igikombe uyu mwaka.