Arsenal yatsinze Chelsea 2-1 mu nkino z'igikombe ca Carabao

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko umugwi wiwe ukina neza ubu kuva Alexis Sanchez agiye inyuma yo gutsinda Chelsea mu gice ca kabiri gishira ica nyuma z'igikombe ca Carabao.

Inyuma yo kudashobora gustinda mu rukino rwa mbere, Eden Hazard ni we yatanguye kwinjiriza Chelsea, imbere y'uko Antonio Rudiger acishura, hanyuma Granit Xhaka atsinda igitego ca kabiri ca Arsenal, gitumye uronka uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma ruzobera ku kibuga ca Wembley.

Iyo ntsinzi ibonetse inyuma y'imisi ibiri gusa Sanchez agiriraniye amazerano n'umugwi wa Manchester United yo kuwukinira, hanyuma Arsenal na yo ironka Henrikh Mkhitaryan.

Uku kwezi kwabaye kubi kuri Arsenal ubu uri mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza aho urushwa na Man City iri mu kibanza ca mbere amanota 23 yose, ikaba inaheruka gutsindwa na Nottingham Forest mu nkino za FA Cup.

Ariko iyo ntsinzi ibahaye akaryo ko guhiganirwa igikombe ca kane mu myaka itanu- no gutsindira igikombe Arsene Wenger atarigera atahukana mu myaka 21 amaze muri Arsenal.

"Nibaza ko mu kwezi kwa mbere twazize umwumvikano muke hagati yacu," ni ko uwo mumenyereza w'imyaka 68 yavuze. "Ubu turagarukanye ishaka. Turazi ico tugomba gukora. Turashobora guhanga ijisho ku rukino rwacu.

"Twarabuze umukinyi akomeye Alexis Sanchez ariko iyo umugwi utamenye ibiriko birabashikira hagati yabo, nta shaka rihaba kandi n'ubushobozi burongerekana. Turazi ko dutegerezwa guhangana na vyo ubu."

Arsenal ishaka gutwara ico gikombe ubwa mbere kuva mu 1993 izohura na Manchester City mu rukino rwa nyuma ku kibuga ca Wembley itariki 25 z'ukwezi kwa kabiri inyuma y'aho uwo mugwi umeyerezwa na Pep Guardiola utsindiyeBristol City mu rundi rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma.