Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kazoza ka Zidane muri Real Madrid kari 'mu mayirabiri'
Zinedine Zidane avuga ko ari "mu bihe bibi" nk'umumenyereza wa Real Madrid kandi ko kazoza kiwe gahagaze ku nkino zisigaye z'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.
Umugwi wa Real wagiye uratsindira ibikombe vyinshi i Buraya, ariko ubu uri inyuma ya Barcelone ya mbere amanota 19 yose mw'ihiganwa ryo muri Espagne, ukaba waraye unasezerewe mu gikombe c'umwami n'umugwi wa Leganes ku musi wa gatatu ku kibuga cabo ca Bernabeu.
Real yarangije inkino ziheruka iri mu kibanza ca kabiri mu mugwi irimwo inyuma ya Tottenham, izohura na Paris St-Germain mu gice ca 16 gishira ica nyuma c'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.
"N'ubugesera," ni ko uwo mufaransa yavuze.
"N'ibihe bibi kuri jewe nk'umumenyereza. Sinokwitako umwikomo mu nkino, kuko ivyo nkora vyose ndavyemera."
Uwo mugwi ufise igikombe c'imigwi ya mbere i Buraya watanguye gutsinda 1-0 mu rukino rwa mbere, ariko uca utsindwa 2-1 ku kibuga cawo mu rukino rwo gusubiza.
"Uru rukino twarutanguye nabi," ni ko Zidani yongeyeko. "Kubera ivyo ndashavuye. Sinumva ibiriko birashika."
Zidane yatsindiye ibikombe umunani kuva atanguye kumenyereza uwo mugwi mu kwezi kwa mbere mu 2016, aho Real yakinye inkino 40 idatsinzwe na rimwe mu nkino zose uwo mugwi wakinye.
Ariko, igihe yabazwa nimba kazoza kiwe gahagaze ku bizova mu rukino ruzobahuza n'umugwi wa mbere wo mu Bufaransa itariki 14 z'ukwezi kwa kabiri, uwo mumenyereza w'imyaka 45 yishuye "Ego, nta nkeka.
"Ni jewe ndabibazwa, ni je ndi umurongozi. Ntegerezwa kurondera inyishu. Turamaze kuronka zimwe ariko ntizikwiye. Nkeneye kuronka akaryo kandi nzoguma ku rugamba."