Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Thierry Henry yoba yarahanuye Sanchez kuva muri Arsenal?
Umukinyi rurangiranwa yahoze akinira umugwi wa Arsenal Thierry Henry yahakanye ko yahanuye Alexis Sanchez ngo ave muri uwo mugwi kugira aje muri Manchester United.
Sanchez yagiye muri United ku mwumvikano wo kugurana abakinyi aho Henrikh Mkhitaryan yaciye aja muri Arsenal, avuga ko yari yavuganye n'uwo mukinyi w'Umufaransa.
"Ubu nibuka ivyo twaganiriye na Henry, yahinduye umugwi kubera impamvu zisa, ubu ni jewe ndamukiwe," ni ko Sanchez yanditse kuri Instagram.
Henri yimukiye mu mugwi wa Barcelone mu 2007, yishuye ku musi wa kabiri avuga:" Nta na rimwe nigeze kubwira Sanchez ko yova muri Arsenal."
Yishura kuri ivyo bimuvugwako, Henry akiri uwa mbere yatsindiye ibitego vyinshi umugwi wa Arsenal yanditse ubundi butumwa kuri twitter ko:"Sinari nzi ko ashaka kuja muri Man Utd gushika ndavyumvise mu bimenyeshamakuru co kimwe namwe."
Henry w'imyaka 40 yagiye mu mugwi wa Barcelone inyuma y'imyaka umunani yari amaze muri Arsenal ku miliyano 16.1 z'amapawundi.
Mu mugwi wa Barcelone, yatsindiye ibikombe bibiri vy'ihiganwa ryo muri Espagne hamwe n'ikindi c'imigwi yabaye iya mbere iwabo.
Sanchez w'imyaka 29 wo mu gihugu ca Chili yari yitezwe ko aja mu mugwi wa Manchester City mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze ariko yashize umukono ku masezerano y'imyaka ine n'igice n'umugwi wa Manchester United aho azohembwa umushahara w'imiliyoni 14 z'amapawundi ku mwaka ikori ryavuyemwo.