Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ronaldo yasavye telefone kugira yirabe ari mu kibuga.
Umukinyi rurangiranwa wa Real Mdrid Christiano Ronaldo yarakoze ibikora inka mu rukino rwo ku wa mungu aho yatsinze ibitego bibiri inyuma y'umwanya amaze atinjiza.
Ariko si ibitego 2 yinjije vyatumye avugwa cane mu bimenyeshamakuru kubera intsinzi batahukanye y'ibitego 7-1 ca Deportivo La coruna.
Ariko arava mu kibuga amaze gukomereka, yatse iterefoni umuganga amukurikirana kugira yirabe mu maso akoresheje ikiyo c'iyo telefone.
Abamenyeshamakuru bariko barakurikirana urwo rukino babigize urukino, banavuga ko babonye "ibintu vyose ubu" kuri uwo mukinyi, Ronaldo yaciye azunguza umutwe, aboneka ko atanezerejwe n'ico abonye mu kiyo ca telefone canke ubutumwa bw'abamenyeshamakuru.
"Ronaldo yatumye haba amakenga ku kungene aboneka ukundi," Reuters ni ko yanditse inyuma y'urwo rukino.
"Ivyashitse vyerekanye Ronaldo neza cane gusumba uko vyahora," vyanditswe n'urundi rubuga rw'inkino rwa Benchwarmers.
"Ronaldo yiraba mu kiyo ari mu kibuga," umwe mu batanze inkuru kuri BBC Sport ni ko yanditse.
Ico gikomere cavuye ku kugongana n'umukinyi wa Deportivo La Coruna Fabian Schar yamukubise ikirato mu mutwe.
N'aho bamutwenze ku mbuga ngurukanabumenyi, ico gikomere cari kinini ku buryo haciye hafatwa ingingo ko adasubira mu kibuga.
Mu 2011, yigeze kuvuga ko abakunzi b'umugwi bariko barakina bamuzomereye kubera ko "atunze kandi ari umukinyi wo mu rwego rwo hejuru."
"Abantu banyumvira akazigo," ni ko yavuze. "Nta yandi majambo mfise yosigura ivyo."
Iyo ntsinzi ra Real y'ibitego 7-1 yatumye baca baduga mu kibanza ca kane mw'ihiganwa ryo muri Espagne.