Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mourinho yasabwe gutomora ivyo yavuze imbere y'urukino na City
Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho, yasabwe gusigura ivyo yavuze imbere y'urukino yatsinzwe na Manchester City kuwa mungu.
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, FA, ryasavye insiguro uwo munye Portugal ku vyo yavuze mu kiganiro c'imbere y'urukino kuwa gatanu.
Mourinho yavuze ko abakinyi ba City bagwa hasi bitagoranye, agira ati: "Akayaga gake gusa gahushe baca bagwa."
Afise gushika isaha 18:00 GMT kuwa mbere kugira yisigure kuri FA.
Mourinho w'imyaka 54, yanavuze ko atibaza ko ashobora kwemererwa gukora ikimenyetso ca politike ari mu mpande z'ikibuga nka Guardiola.
Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, amaze iminsi yambara ku mpuzu amaja ku gikiriza akantu k'umuhondo, nk'ikimenyetso co kwiyamiriza ipfungwa muri Espagne ry'abashigikiye kwikukira kw'intara ya Catalonia.