Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cristiano Ronaldo umukinyi wa mbere kw'isi mu 2017
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA ryagenye umukinyi Cristiano Ronaldo umukinyi wa mbere mwiza kw'isi mu mwaka w'i 2017 mu birori vyabereye i Londres mu Bwongereza.
Uwo mukinyi w'imbere wa Portugal na Real Madrid, yarushije Lionel Messi wa Barcelone na Neymar wa Paris St-Germain.
Ronaldo w'imyaka 32, yafashije Real gutsinda Champions league na La Liga mu 2016-17.
Umumenyereza Zinedine Zidane nawe yagenywe ka mumenyereza wa mbere mwiza.
Olivier Giroud wa Arsenal nawe yagenywe ka mukinyi yinjije igitsindo ca mbere ciza mu 2017, igitsindo yinjije mu rukino Arsenal yahuramwo na Crystal Palace mu kwezi kwa mbere.