Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Federer yatsinze Nadal muri Shanghai Masters
Uwatwaye igikombe mw'ihiganwa rya Wimbledon, Roger Federer yaraye atsinze umukinyi wa mbere kw'isi Rafael Nadal 6-4 6-3 mw'ihiganwa Shanghai Masters aba atwaye igikombe ca gatandatu uno mwaka.
Uwo mu Swisi w'imyaka 36 yatsinzwe incuro zine gusa mu 2017, yaboneka ko afise inguvu nyinshi mu rukino yatsinze mu minota 72.
Bubaye ubwa kane atsinda Nadal n'ubwa gatanu akuye mu kibanza ca mbere uwo munya Espagne.
Nadal yaheruka gutsinda amahiganwa ya US Open na China Open.
Federer amaze gutsindira ibikombe 94 mu buzima bwiwe bwo gukina tenis, 19 bikaba ari ivya Grand Slam.
Ubu anganya na Ivan Lendl, ariko bose bakarushwa na Jimmy Connors wo muri Amerika yatsindiye ibikombe 109.