Umumenyereza w'umugwi w'abakobwa muri UK ngo yoba umugore

Umumenyereza w'umugwi w'igihugu w'abakobwa mu Bwongereza ngo akwiye kuba umugore, niko umukinyi yinjirije ibitsindo vyinshi umugwi w'igihugu, Kelly Smith yavuze.

Umumenyereza yahahora Mark Sampson, 34, yirukanywe ku munsi wa gatatu inyuma yaho vyibonekereje ko yigenjeje ukutarikwo mu buryo ata n'uwovyihanganira mu mabanga yahoramwo.

"Nibaza ko bazokwiha umwanya ukwiye ngo bagene uwubikwiye, ntibakwiye kwihuta," niko Smith yanse kwemera ayo mabanga yavuze.

"Nipfuza kubona umugore agiye muri ico kibanza, ariko n'ukurindira ngo turabe iyo bija."

Smith yinjije ibitsindo 46, ntariko ararondera gusubirira Sampson, mu gihe umukinyi wa Manchester City Nick Cushing, uwa Chelsea Emma Hayes hamwe na Laure Harvey wa Seattle Reign bariko bararondera ico kibanza.