Rooney yategetswe kutagendesha imodoka imyaka ibiri

Uwahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Wayne Rooney yaciriwe urubanza rwo kudahirahira ngo agendeshe imodoka mu kiringo c'imyaka ibiri no gukora akazi mu mibano amasaha 100.

Rooney w'imyaka 31 yafatiwe mu karere ka Wilmslow, i Cheshire ariko aragendesha imodoka yaborewe itariki imwe z'ukwezi kw'icenda.

Wayne Rooney azoriha amande 170 y'amapawundi kubera ico caha yakoze.

"Ndemera icaha nakoze kandi ndasaba n'imbabazi umuryango wanje, umugwi wa Everton, umumenyereza hamwe n'abakunzi bumugwi. Ndasaba imbabazi kuvyabaye." ni ko Rooney, ubu afise abana batatu yavuze.

Uwo mukinyi yavukiye mu gisagara ca Liverpool yasubiye mu mugwi wa Everton yatanguye gukinamwo ari umwana avuye muri Manchester United inyuma y'imyaka 13 ayivuyemwo.