Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Floyd Mayweather yahagaritse Conor McGregor mu kiciro cya 10 cy'umukino i Las Vegas
Floyd Mayweather yakomeje umuhigo wo kumara imikino 50 adatsinzwe na rimwe mu iteramakofi nyuma yo gutsinda Conor McGregor muri umwe mu mikino ihenze ku isi.
Mayweather ufite imidari itanu y'isi yabanje guhatwa amakofi na Mcgregor usanzwe ukina imikino njyarugamba ivanze bita UFC, wari ukinnye umukino wa mbere mu iteramakofi wabereye i Las Vegas muri sitade ya T-Mobile Arena.
Mcgregor yabanje kwihagararaho yerekana ubushobozi mu kiciro cya mbere ariko yahatswe kurenga amategeko y'umukino inshuro nyinshi akoresha ingumi zitemewe mu mukino w'iteramakofi no gukubita umuntu inyuma y'umutwe.
Yagaragaje ubushobozi ariko butari gushobora kurangiza cyangwa kwesura hasi Mayweather, ibyo bita "knock out".
Mayweather w'Umunyamerika, yaje mu mukino avuye mu zabukuru ku mukini warimo akayabo ka miliyoni 300 z'amadolari, yakoresheje inararibonye aganza McGregor mu cyiciro cya nyuma kubera kunanirwa.
Uyu munya Ireland yari yatangiye kunanirwa amaguru bigaragara cyane kubera guhatwa ingumi. Mayweather w'imyaka 40 atangira kumutangatanga akomeza kumwotsa igitutu n'ingumi.
Mu cyiciro cya 10 ari nacyo cya nyuma, McGregor wari waravuze amagambo menshi mbere y'umukino yatangiye kwisunga imigozi aho kurwanya Mayweather.
Ibye byari byarangiye- n'ubwo Mayweather atamwesuye hasi (KO) ariko nta mbaraga yari agisigaranye zo kurwana.
Umusifuzi Robert Byrd yahise arangiza umukino.