Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Roger Federer yatsinze Wimbledon
Umukinnyi w'ikimamare muri Tennis, Roger Federer, ukomoka mu Busuwisi yabaye umugabo wa mbere utsinze irushanwa rya Wimbledon inshuro umunani mu mateka.
Uwo bari bahanganye mu mukino wa nyuma - Marin Cilic wo muri Croatia - ari ku mwanya wa karindwi ku rutonde rw'abakinnyi ba tennis bakomeye mu rwego rw'isi.
Yamutsinze amaseti 6-3, 6-1 na 6-4.
Ku myaka 35, Federer yabaye umukinnyi wa mbere ukuze kurusha abandi utsinze irushanwa rya Wimbledon mu bagabo kuva abakinnyi babigize umwuga batangiye guhinganwa muri 1968.
Federer yatsinzwe inshuro ebyiri gusa muri uno mwaka.
Yari yavuze ko guhangana na Cilic atari ibintu byoroshye.