Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mark Hughes ababajwe n'inkuru y'ibanga kuri Saido yashizwe ahabona
Umumenyereza wa Stoke City yo mu Bwongereza ababajwe n'uko inkuru yuko Saido Berahino yahagaritswe gukina amezi abiri, yashizwe ahabona.
Rutahizamu Berahino yagiye muri Stoke City avuye West Brom mu kwezi guheze, akaba yarakinye asimbuye mu rukino West Brom yatsinze 1-0 ejo kuwa gatandatu.
Ibinyamakuru kuwa kane vyanditse ko Berahino yahagaritswe gukina amezi abiri kuko basanze afise mu maraso imiti itemewe mu bipimo bigirwa hanze y'ihiganwa.
Mark Hughes yagize ati "Twari tuzi ko bizoshika bikamenyekana, ariko birababaje.
"Bigomba kuba bibabaje kurusha kuri West Brom kuko yari yashoboye kubigumiza mw'ibanga ikiringo c'amezi atandatu canke indwi, rero kuba vyagiye ahabona hasigaye iminsi ibiri ngo Berahino ahure n'iyahora ikipe yiwe, biteye amakenga.
"Ni ibara kuko abantu bashobora guca bibaza ko West Brom yoba ibifisemwo uruhara. Si uko mvuze, ariko ushobora kuvyumva gutyo."
Bivugwa ko West Brom yakoze ibishoboka vyose, kugura uwo mukinyi bimaze kucumvikanwako - kandi imbere yuko amahera atangwa - Stoke yari yabwiwe vyose.
Saido Berahino w'imyaka 23 afise amamuko yo mu Burundi, yamaze igihe kinini adakinira ikipe yiwe West Brom yagiyemwo akiri umwana, kuva aho vyankiye ko Tottenham imugura haciye imyaka ibiri.