Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kipchoge na Sumgong batsinze London Marathon
Umunyakenya Eliud Kipchoge niwe wongeye gutsinda irushanwa ryo gusiganwa ryo mu Bwongereza rizwi ku izina rya London Marathon.
Yakoresheje amasaha abiri, iminota itatu n'amasegonda atanu.
Ku ruhande rw'abagore, mugenzi we w'umunyakenyakazi, Jemima Sumgong niwe watsinze iryo siganwa nyuma yo kugwa bikomeye.
Umunya Ethiopia, Tigist Tufa, watsinze iryo rushanwa umwaka ushize yaje ku mwanya wa kabiri.
Abantu hafi 40 000 nibo bitabiriye iryo rushanwa rya km 42.
Baba bamaze igihe kinini bitoza mu kuryitegura.