Kenya 2022: 'Mwahaye ingabire EAC'-Prezida Suluhu

Willian Ruto na Rigathi Gachagua

Ahavuye isanamu, Twitter/State House Kenya

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa sentare ntahinyuzwa (i bubamfu) n'umwanditsi mukuru w'ubucamanza (i buryo) beretse igihugu umukuru w'igihugu mushasha William Ruto (uwa kabiri uva i bubamfu) n'icegera ciwe Rigathi Gachagua bahejeje kurahira

Umukuru mushasha wa Kenya, William Ruto, yarahiriye kuba umukuru wa Kenya agira gatanu kuva Kenya ironse intahe yo kwikukira mu 1963.

Ruto yavuze ko amatora yabaye mu gihugu ciwe "itariki 9 Myandagaro (8) yabaye ihitamwo hagati y'ivyiyumviro biganisha kuri Kenya twifuza".

Mw'ijambo ryiwe ahejeje kurahira, Ruto yavuze ko ayo matora "yabaye intangarugero."

Yakeje abajejwe ubucamanza n'umugwi wari ujejwe amatora ku buziranenge berekanye mu gutunganya ibibazo bijanye n'amatora.

Abagize umugwi ujejwe amatora baracanyemwo ku munota wa nyuma hageze gutangaza ivyayavuyemwo, bane kuri ndwi bavuga ko batavyemera.

Ariko umukuru w'uwo mugwi, Wafula Chebukati, yaratangaje ko William Ruto yatsinze.

Railia Odinga yatsinzwe muri ayo matora, yarajanye ikirego muri sentare ntahinyuzwa kugira iteshe agaciro ivyayavuyemwo.

Ariko iyo sentare yashitse ku ngingo ko ata vyemezo bifadika yari afise, nayo yemeza intsinzi ya Willian Ruto.

Odinga ntiyitavye ibirori vyo kurahira kwa William Ruto kuko afise "amakenga akomeye ku ntsinzi" yiwe.

Ruto yiyemeje kuzotwarira abanya-Kenya bose ataravye aho batoye canke uwo batoye.

Willian Ruto afashe inkota y'Ubutegetsi

Ahavuye isanamu, Twitter/State House Kenya

Insiguro y'isanamu, William Ruto yashikirijwe ibimenyetso vy'ubutegetsi birimwo inkota n'igitabo c'ibwirizwa shingiro

EAC niho yari yose

Abakuru b'ibihugu bigize ishirahamwe ry'Afrika y'Ubuseruko, EAC, bose bari bitavye ibirori vyo kwimika umukuru mushasha wa Kenya, Willian Ruto.

Ibirori vyabereye ku kibuga ca Kasarani, ku murwa mukuru, Nairobi.

Hari abakuru b'ibihugu n'amareta barenga 20, abo muri EAC akaba ata n'umwe yari yasivye.

Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko rigizwe na Kenya, Tanzania, Uburundi, Urwanda, Uganda, Sudan y'Epfo na Republika ya Demokrasi ya Congo yinjiye muri uyu mwaka.

Kuva mu kwezi kw'indwi rirongowe n'umukuru w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, mu kiringo c'umwaka.

"Mwahaye ingabire EAC"-Prezida Suluhu

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni yahawe ijambo nka “se w’akarere”.

Prezida Museveni yasavye abanya-Kenya gushimika kw’iterambere ry’akarere.

Yatwengeje abantu mu kuvuga ko ku bisanzwe atahora araba ama-television yo mu karere ariko ko mu gihe c’amatora yaravye izo muri Kenya.

Yavuze ko urwaruka rwa Kenya rufise ivyiyumviro vyiza ariko arusaba guha ikibanza ishirahamwe ry’akarere mu biganiro vyarwo.

Umukuru w’Uburundi, akaba ari nawe mukuru w’ishirahamwe rya EAC, Evariste Ndayishimiye, nawe yakeje abanya-Kenya kuba berekanye ko babunyoye muri demokrasi nk’uko babigaragaje mu matora baherukmwo.

Mw'ijambo yashikirije mu rurimi rw'igi-Swahili, prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko yiteze gukorana na prezida mushasha wa Kenya mu kurondera iterambere rya EAC.

"Mama Wetu" - nk'uko prezida wa Kenya yise uwa Tanzania, Samia Suluhu Hassan - yavuze ko abanya-Kenya "bahaye ingabire EAC mu gutunganya amatora arangwa n'amahoro".

Kenya gisanzwe ari igihugu gifise ubutunzi bukomeye mu karere kandi gifise uruhara mu migenderanire y’ubutunzi n’ibihugu vy’akarere.

Prezida Suluhu yavuze ko amatora yaheze ubu hageze ko abanya-Kenya bubaka igihugu cabo.

Prezida Willian Ruto yiyemeje gukora kugira abanya-Kenya bagwize umwimbu nk'inyishu y'ubuzima buguma buzimba. Muri iyo nzira yatangaje igabanuka ry'igiciro c'ifumbire.