Kenya 2022: William Ruto yarahiye nk'umukuru w'igihugu

Irahira rya William Ruto

Ahavuye isanamu, Twitter/State House Kenya

Insiguro y'isanamu, William Ruto yarahiye afashe Bibiriya i buryo n'ikiganza c'i bubamfu kw'ibwirizwa shingiro

William Samoei Ruto yarahiye nk'umukuru w'igihugu ca Kenya agira gatanu.

Umukuru w’igihugu mushasha yarahiye indahiro zibiri arahizwa n’umwanditsi mukuru w’ubucamanza.

Afise igitabo ca Bibiriya mu ntoke, William Ruto w’imyaka 55, yarahiriye kwubahiriza no gukingira ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.

Umukuru w'igihugu mushasha wa Kenya yashikirijwe igitabo c'ibwirizwa nshingiro n'inkota, ibimenyetso vy'uko ashikirijwe ubutegetsi.

N'intwazangabo y'icubahiro c'umukuru w'igihugu yaciye ahindura ikibanza, ava inyuma y'umukuru w'igihugu yahahora, ahagarara inyuma y'umukuru w'igihugu mushasha.

Rigathi Gachagua nawe yarahiye nk'icegera c'umukuru w'igihugu.

Ruto yatsinze amatora mu kwezi guheze. Uwo yatsinze, Raila Odinga yavuze ko atitaba ivyo birori kuko "afise amakenga akomeye " ku ntsinzi y'uwo bahiganywe.

Ruto yatsinze ayo matora arushije amajwi make cane Odinga. Ruto yaronse 50.5%, Odinga nawe 48.8%.

Odinga yavuze ko amatora yibwe, ariko sentare ntahinyuzwa yavuze ko amatora yabaye mu bwisanzure kandi atawurenganijwe.

Abakuru b'ibihugu nibura 20 vyari vyitezwe ko bitaba ivyo birori biriko birabera mu kibuga c'inkino ca Kasarani, ku murwa mukuru Nairobi, ikimenyetso c'uko bemeye Ruto nk'umukuru w'igihugu mushasha.

Mu bitavye harimwo abakuru b'Uburundi, Urwanda, DRC, Uganda na Tanzania.

Ruto yari asanzwe ari icegera ca Uhuru Kenyatta muri iyi myaka cumi yari amaze ku butegetsi.

Kenyatta yahisemwo gushigikira Raila Odinga avuga ko Ruto atabereye kuba umukuru w'igihugu.

Ivyo vyaracaanishijemwo cane abo bagabo babiri , Kenyatta akaba yakeje Ruto ku ntsinzi yiwe buca ashikira amabanga y'umukuru w'igihugu.

Kenyatta ariko yiyemeje gushikiriza ubutegetsi mu mahoro asaba Ruto gutwarira abanya-Kenya bose.

Bamwe mu bitavye ibirori

Ahavuye isanamu, Reuters

Odinga yavuze ko yahamagawe kuri terefone na Ruto amutumira kuja mu birori, ariko ko atazovyitaba kuko ari mu rugendo mu mahanga kandi ko atemera ko amatora yagenze neza.

Habaye umusunikano

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi bakomeretse mu musunikano wo kugerageza kwinjira mu kibuga

Abantu nibura umunani bivugwa ko bakomeretse mu musunikano bariko baragerageza kwinjira kugira baje kurorera ibirori vy’irahira rya William Ruto n’icegera ciwe Rigathi Gachagua.

Ariko imbere mu kibuga (stade), abantu bari banezerewe cane, bakoma amashi, bazungagiza ibendera rya Kenya.

Bamwe bari bambaye impuzu z’umuhondo – ibara ryaranze ibihe vyo kwiyamamaza kwa Ruto.