Igipolisi ca Uganda cagose ibiro vy'umugambwe wa Bobi Wine

Igipolisi ca Uganda cagose ibiro vy’umugambwe mukuru utavuga rumwe n’ubutegetsi ku mugwa mukuru Kampala.

Umuvugizi w’igipolisi avuga ko ari ingingo yafashwe mu kwicungera imbere y’imyiyerekano yo kwiyamiriza reta itegekanijwe ejo ku wa kabiri.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter), umukuru w’umugambwe National Unity Platform, Robert Kyagulani, azwi kw’izina rya Bobi Wine, yerekanye amasanamu y’abajejwe umutekano bazungurutse inyubabwa y’ibiro vyawo.

Avuga ko abapolisi bahagaritse abatari bake mu barongoye uwo mugambwe, bafata n’amamodoka bongera bazibira uwo ari we wese yinjira canke ava muri ivyo biro.

Abategetsi babujije ino myiyerekano itegekanijwe imbere y’inama nshingamateka yo kwiyamiriza igiturire n’ihohotera ry’agateka ka zina muntu.

Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yaragabishije abategura iyi myiyerekano ko "bariko bakina n'umuriro", abagiriza ko bakorana n’abanyamahanga mu guteza akajagari mu gihugu.

Urwaruka rwa Uganda rumaze igihe rutegura imyiyerekano ku mbuga hwaniro mu ntumbero yo gusaba ko igiturire muri reta gihera.

Barabiye kuri bagenzi babo ba Kenya bateguye imyiyerekano ikomeye yatumye Perezida William Ruto aheba imigambi yiwe yo kuduza amakori. Iyi myiyerekano yahavuye ivamwo iyo kumusaba kuva ku butegetsi.

Mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure, Museveni yagabishije abanya-Uganda ko iyi myiyerekano itegurwa idashobora kwihanganirwa.

Ati: "Turi mu bikorwa vyo kurwiza umwimbu ...namwe muri ngaha mushaka kuduhungabanya. Muriko mukira n'umuriro kuko ntidushobora kubemerera ko muduhungabanya".

Abanegura Museveni bamwagiriza ko atwaza umukazo kuva afashe ubutegetsi muri Uganda mu 1986, ariko abamushigikiye baramushimagiza ko yashoboye kubungabunga ituze muri iki gihugu ca Afrika y'Ubuseruko.

Perezida Museveni yagiriza kandi abategura imyiyerekano ko "buri gihe bakorana n'abanyamahanga" kugira bateze akajagari muri Uganda. Nta nsiguro yatanze.

Imbere y'aha, igipolisi cari catangaje ko canse gutanga uruhusha rwo gukora ino myiyerekano.

Umwe mu bategura ino myiyerekano yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko batarota baheba.

Louez Aloikin Opolose yasubiwemwo avuga ati: "Ntidukeneye uruhusha rw'igipolisi rwo gukora imyiyerekano mu mahoro. Ni uburenganzira duhabwa n'ibwirizwashingiro.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza vyarafatiye ibihano umukuru w'inama nshingamateka ya Uganda, Anita Annet Among, mu ntango z'uno mwaka inyuma yo kwagirizwa igiturire.

Arahakana ko ata kosa afise.

Ibi bihano bimubuza gufata ingendo zo muri Amerika no mu Bwongereza. Ubwongereza buvuga kandi ko bushoboza no gufata imitungo yiwe.

Ubwongereza bwarafatiye ibihano nk'ibi abashikiranganji babiri birukanywe na Museveni inyuma yo kwagirizwa igiturire na bo nyene.

Mary Goretti Kitutu na Agnes Nandutu bararengukishijwe muri sentare inyuma yo kwagirizwa ubusuma bw'ibihumbi n'ibihumbi vy'amabati yari agenewe ba ntahonikora mu ntara ya Karamoja iri mu buraruko bushira ubuseruko.

Bompi barahakana ivyo bagirijwe.

Muri Kenya, Perezida Ruto na we nyene yasavye ko imyiyerekano yo kwiyamiriza reta ihagarara, aho avuga ati: "Biramaze".

Iyi myiyerekano ni yo ya mbere ikomeye muri Kenya kuva Ruto ashitse ku butegetsi atsinze amatora yo mu 2022.

Hateguwe iyindi myiyerekano ejo ku wa kabiri yo kumusaba gutanga imihoho no kurangiza ico bita ubutegetsi bubi.

Mw'ijambo yashikirije ikoraniro mu karere ka Bomet mu burengero bwa Kenya, Ruto yavuze ko atako abategura imyiyerekano bobandanya bavuga ko batazwi kandi ko "bakwiye guseruka bakatubwira ico iyi migumuko izoshikako".

Mu kwezi guheze, abari mu myiyerekano barateye ingoro y'inama nshingamateka baturira uruhande rumwe rwayo bongera batwara n'intahe, ikimenyetso c'ububasha bw'inama nshingamateka.

Abategura ino myiyerekano bavuga ko gushika ubu ikorwa mu mahoro.

Bagiriza igipolisi n'igisirikare gukoresha ubugome no kwica abari mu myiyerekano bitekaniye.

Abantu nibura 50 baramaze kwicwa muri iyi myiyerekano abandi 413 nabo barakomereka kuva itanguye ku wa 18 Ruheshi (6), nk'uko bitangazwa n'umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka muntu.

Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kenya Raila Odinga avuga ko ashigikiye abari mu myiyerekano, akavuga ko ari ngombwa ko ubutungane bukora ku bayiguyemwo imbere y'uko haba ibiganiro ivyo ari vyo vyose na reta.

Iyi ngingo ya Odinga ishobora kutorohereza Ruto mu twigoro twiwe two kugerageza gushira muri reta yiwe abo ku ruhande rw'abamurwanya - mu cizere c'uko ino myiyerekano y'urwaruka ishobora kurangira.