Kuki William Ruto yakiranywe iteka ryinshi na Joe Biden?

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Barbara Plett Usher
- Igikorwa, BBC News, akurikirana amakuru ya Afrika
Umukuru w'igihugu ca Kenya William Ruto yabaye umukuru wa mbere w'igihugu ca Afrika agize urugendo rw'icese muri Amerika muri iyi myaka 15 iheze.
Kabaye akaryo kuri perezida Biden ko kwerekana ko yitayeho Afrika mu gihe Amerika isa n'iyiriko iragerageza guhamvya abandi mu migenderanire yayo na Afrika.
Ariko imigenderanire n'ibindi bihugu igeze aho umwansi ashaka, mu gihe abakeba nk'Uburusiya n'Ubushinwa bariko barigarurira uturere twari tumaze imyaka n'iyindi tumeze nk'icibare c'ibihugu vya Buraya na Amerika.
Hari igihe Ruto atari kuba yoba umushitsi wo guhabwa ikaze muri White House mu birori ubundi bihabwa abantu bari ku rushi b'incuti za Amerika buri mwaka.
Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha yaramwagirije ivyaha bikorerwa kiremwa muntu bijanye n'intureka zakurikiye amatora yo mu 2007. Ariko urubanza rwahavuye ruzima kuva ico gihe Ruto akaba yarivyukiranije yigira umuntu nkenerwa mu gufashanya na Amerika.
Kuba hari amakenga ku mateka yiwe ku bijanye na demokarasi si yo mpamvu yatumye inama nshingamateka na nkenguzamateka zifata ingingo y'uko atavugira ijambo imbere yazo ziri hamwe, nk'uko vyavuzwe n'uwuhagarariye Amerika muri Kenya, Meg Whitman. Aho ageza kubimenya, vyatewe n'ibibazo c'ikirangaminsi c'urutonde rw'ibikorwa.
Madame Whitman, yigeze kuba umuyobozi mu bigo nka Ebay na Hewlet Packard, ari mu baza imbere mu kuvugira neza Kenya n'amahirwe yo gushoramwo imitahe mu gisata c'ubuhinga bwa none, iciswe Silicon Savannah.
''Niba koko ushaka kwerekeza kuri Afrika, none uwo wohitamwo mu bandi ngo umutumire ku nzimano y'igihugu yoba nde?'' niko abaza.
''Kenya imaze imyaka 60 ari incuti idahemuka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Nta nkeka ko ari co gihugu ca mbere gifise amaragamo muri demokarasi muri Afrika y'Ubuseruko. Perezida Ruto yarayikomeje kandi n'indongozi nyayo.''
Ku butegsi bwa Ruto, Kenya yarubatse uruhara rwayo mu kuba umutima w'imigenderanire n'ibikorwa vy'ubugwizatunga mu karere, ''igihugu c'iremezo'' kuri Amerika mu kibano kitoroshe.
N'ubwo mu gihugu habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ingene ariko aratunganya ikibazo c'ubutunzi buri mu bihe bigoye, kw'isi yabaye umuvugizi wa Afrika ku bibazo vyeyekeye ihindagurika ry'ikirere n'ugutezurirwa ku madeni.
Kenya kandi ni kirumara mu bibazo vy'umutekano muri Afrika y'Ubuseruko, kandi yaranezereye Amerika mu kwemera kurungika abapolisi ba Kenya muri Haiti.
Umuntu umwe rudende perezida Joe Biden yahamagaye kuri terefone muri Afrika yo munsi y'Ubugararwa bwa Sahara mu mwaka uheze yabaye Ruto, ku bijanye n'ivyo Kenya yari yiyemeje kurongora ingabo ziva mu makungu zo kurungika muri ico gihugu kiri mu ruhagarara.
Abihweza ibintu n'ibindi bakeka ko urwo rugendo rw'igihugu ku ruhande rumwe ari urwasubiriye isezerano Biden yagize ubwiwe ariko rikamunanira gushitsa ryo kugendera Afrika.
Yari yavyemeye mw'ikoraniro rw'abategetsi ba Afrika i Washington haraheze imyaka ibiri, aho muri iyo nama yari yijeje abashitsi biwe ko yari kugendera uwo mugabane. Ariko kuva ico gihe, akaba yaciye atwarwa n'izindi ngorane ziri ahandi, nk'intambara muri Ukraine no muri Gaza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyo nama yari yabaye reta ya Biden ihejeje kumenyesha umukenyuro mushasha ugamije guhindura imigenderanire n'ibihugu vya Afrika kugira habe ugukorana ku rugero rw'abangana ruteza imbere inyungu z'ibihugu vyompi.
Ruto ni nk'uko ari we shusho y'iyo ntumbero, ariko yagendeye Amerika mu gihe amaso yahindukiriye ku kuntu Amerika iriko iratakaza ikibanza muri Afrika y'uburengero.
Niba hari igihugu cerekana neza ibihanze Amerika muri Afrika, gishobora kuba ari Niger.
Mu kiringo c'imyaka itari mike ico gihugu carimwo abasirikare ba Amerika barenga 1.000, bari mu makambi abiri aho batunganiriza ibikorwa vy'umutekano mu kurwanya intagondwa z'aba Islam mu karere.
Ariko itembagazwa ry'ubutegetsi n'abasirikare mu mwaka uheze ryaciye rihindura uko imigenderanire yari yifashe - aho abategetsi ba gisirikare ba Niger baciye biyegereza Uburusiya na Iran.
Amerika yaragerageje kugira hatorwe inzira y'ingene gufashanya mu vya gisirikare vyobandanya ariko mu kwezi kwa Ntwarante(3) biranka rwose.
Umushikiranganji wa mbere w'iyo reta ya gisirikare yabwiye ikinyamakuru Washington Post ko intumwa za Amerika zakoresheje ''imvugo yo kutwereka ko baturuta'' kandi ''berekana ko batubaha''. Yabagirije kugerageza gutegeka reta ya Niger imigenderanire yogirana n'ibindi bihugu.
Muri iyi minsi, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi bwaremeje ko ingabo zabwo zizoba zahejeje kuva muri Niger muri Nyakanga (9) - aho imiryango ikazoba yugurutse kugira imigenderanire ikomere gusumba hagati ya Niger n'Uburusiya.
Molly Phee, umukuru w'igisata ca Afrika mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, avuga ko bitashoboka ko Amerika yirengagiza inyungu n'indangagaciro zayo, izo nazo zikaba zirimwo ikirangaminsi c'uko abo basirikare basubiza ubutegetsi mu minwe y'abanyagihugu basanzwe, [aba sivire].
''Twaraberetse amakenga yacu ku murongo ibiganiro hagati ya Niger n'Uburusiya na Iran biriko birafata,'' niko yabwiye BBC.
''Amahererezo ntitwashoboye gushika aho duhuriza hatanga inyishu ku vyo dushira imbere,'' niko avuga, akabona ko imigenderanire itegerezwa kurangwa no gusubirizanya mu nkoko.
''Dufise umugambi wo kugumizaho ugufashanya kw'ubuserukizi bw'ibihugu, hamwe n'ibindi bisata vy'imigenderanire yacu.''

Ahavuye isanamu, AFP
Ivyo bishitse inyuma y'aho Niger yirukaniye Abafaransa, aribo bahoze batwara bukoroni ico gihugu.
Vyerekana ingene ibintu bitoroshe mu gihe Amerika igerageza gufatanya ugufashanya mu bijanye n'umutekano n'indangagaciro za demokarasi, ikibazo Uburusiya bwo budafise.
Ivyashitse muri Niger nivyo vyabaye kandi no mu bindi bihugu vy'akarere ka Sahel - Uburusiya bukaba bwishimiye gukingira abo batembagaje ubutegetsi, akenshi Abarusiya nabo babanje kwemerwa gushikira ubutunzi kama [muri ivyo bihugu].
Muri aya mayinga ya vuba aheze, abasirikare bakeya ba Amerika baravuye muri Chad- igihugu kibanyi ca Niger- aho abategetsi batanguriye kwinuba kazoza k'ikibanza ca Amerika muri ico gihugu.
Amerika kandi irahanzwe n'ihiganwa ry'ibindi bihugu ku mugabane wa Afrika. Ubushinwa bumaze imyaka 10 bushora imitahe muri Afrika, ariko si bwo bwonyene.
Icigwa ca Gallup mu mwaka uheze cerekanye ko ijambo rya Amerika ryagabanutse muri Afrika mu gihe abiyumvamwo Ubushinwa bo bagumye biyongera. Ariko abateye imbere cane mu gukundwa ni Aburusiya.
''Kuva kera, ibihugu vya Buraya na Amerika bibona Afrika nk'ingorane ikeneye gutorerwa inyishu. Ibihugu nk'Ubushinwa na Turkia, n'ibihugu vyo mu kigobe c'Abarabu, bibona Afrika nk'amahirwe yo gucakira,'' nk'uko bivugwa na Muritha Mutiga, umuyobozi w'igisata ca Afrika muri International Crisis Group, ICG.
''Ingene Ubushinwa, Turkia n'ibihugu vyo mu kigobe c'Abarabu vyaje gukorana na Afrika vyakiriwe neza, kuko biboneka nk'ibizokorana mu buryo buramvye, biboneka nk'ibiha Afrika ikibanza ikwiye".
Reta ya Biden nayo hari ivyo ivuga ko yashitseko mu twigoro two kugira Afrika uwo bofashanya kugira Amerika igumane ikibanza kiri imbere.
Ingendo zitari nke ku rwego rwo hejuru zarerekanye akamaro ka Afrika nk'"umugabane wa kazoza'', ufatiye ku banyagihugu bayo bakiri bato kandi baguma biyongera, umusesekara w'itunga kama hamwe no kubandanya irushiriza kugira ijambo mu makungu.
Amerika yarafashije ibihugu vya Afrika guserukirwa neza gusumba mu makoraniro mpuzamakungu, nka G20, FMI n'Ibanki y'Isi, n'ubwo Amerika bitayoroheye gushigikirwa na Afrika ku vyerekeye intambara ya Israel muri Gaza n'intambara y'Uburusiya na Ukraine.

Ahavuye isanamu, AFP
Reta ya Biden kandi yaraciye amanota mu gushira imitahe mu muhora wa Lobito (Lobito Corridor), inzira y'indarayi izoca muri Angola, Repuburika ya Demokarasi ya Congo na Zambia izofasha mu kwunguruza ibicuruzwa bitarahingurwa.
''Biciye ku muhora wa Lobito, [Abanyamerika] bafashe ingingo yo kuvuga ururimi Abanyafrika bumva'', bivugwa na Kingsley Moghalu, umunya-Nigeria w'umuhinga mu butunzi akaba yigeze no gutwara ibanki nkuru y'igihugu.
''Iyo babonye ko ushize imitahe mu migambi minini igirira akamaro ubutunzi, n'Abanyafrika, aho rero urashobora kuronka aho ufatira kugira uvuge demokarasi n'ibindi bintu nk'ivyo.''
Alex Vines, umukuru w'igisata ca Afrika muri Chattam House, ikigo cihweza ibintu n'ibindi gifise icicaro i Londres, agaruka ku kuntu igihagararo c'ibihugu vya Buraya na Amerika kiriko kirayoyoka muri Afrika.
''Umwe mu bategetsi ba Afrika yambwiye ati: ''Turahaze indya z'Abashinwa, dushaka ikarata y'ibihari, dushaka kwihitiramwo,' '' niko avuga.
''Nibaza rero ko, uko iminsi ihera, ariko tubona ibihugu vyinshi vya Afrika bishaka ako bikura kuri Amerika, ariko bigashaka n'ako bikura ku Burusiya canke ibihugu vy'Abarabu canke Turukiya''.
Ingorane ni ''uburongozi bw'Abanyafrika budafashe'' kugira ngo bugire imbonakazoza ifise ico ishaka gushiko kandi y'igihe kirekire kugira buvane inyungu nyinshi zishoboka muri iryo higanwa.
Perezida Ruto aboneka nk'umwe mu bashobora kuba bafise inzira zo kubishikako.










