Isi ishobora gusekana n'ibinyenyeri? Hari 4 abahinga bashinze ijisho

Ahavuye isanamu, SPL
- Umwanditsi, Yemisi Adegoke
- Igikorwa, BBC World Service
Birashoboka ko woba utigera wiyumvira ibinyenyeri (asteroids) kiretse uriko uraba film bivugwamwo canke batangaje mu makuru ko hari kimwe gishobora gukorokera kw'isi. Ariko hari ibigo vyinshi n'ibibanza vyinshi bikomeza kugenzura ivyo binyenyeneri urudaca, ku mvo zitandukanye.
Ibinyenyeri vya steroids ni ibinyenyeri bisa n'ibibuye vyasigaye igihe isanzure rya System Solaire/ Solar System ryabaho, harashize imyaka igera kuri miliyaridi 4.6 . Hari ben'ivyo binyenyeri bigera kuri miliyoni, ivyinshi muri vyo bikaba biri ku muciro wavyo, bizunguruka hagati y'imibumbe ya Mars na Jupiter.
Monica Grady, umwigisha yakukurutse muri kaminuza ya Open University mu Bwongereza, asobanura ko bimwe muri ivyo binyenyeri bikoroka bikegereza hafi y'umubumbe w'isi, gutyo bikaba bishobora gufasha abahinga kuronka insobanuro y'inkomoko y'ubuzima.
Agira ati: "Ivyinshi muri ivyo binyenyeri biba birimwo carbon n'ibindi nk'ivyo dusanga mu binyabuzima (organic matter, gutyo bikaba bishoboka kubona insiguro y'inkomoko y'ibinyabuzima twifashishije ivyo binyenyeri. Kimwe mu vyo twibaza n'uko ubuzima bwabandanije kw'isi honyene vyoba vyarazanywe n'ivyo binyenyeri."

Ahavuye isanamu, NASA/Ben Smegelsky
N'ubwo bimwe muri ivyo binyenyeri ata kibazo bitera kandi birengana ata n'uwubibonye, hari ibindi biba ari ngombwa kumenya.
Agata Rozeck, umushakakashatsi wo mu gisata ca Physics na Astronomy muri kaminuza ya Edinburgh mu Bwongereza agira ati: "Hari vyinshi bikenewe kumenya kuri ibi binyenyeri bitera vyegereza umubumbe w'Isi. Bikwirikiranirwa hafi n'abahinga kugirango bamenye umuzunguruko wavyo neza, gutyo bashobore kubona ko ata kibazo bishobora guteza canke biramutse vyegereye, ingaruka zavyo uko zishobora kungana. Kure cane y'umubumbe w'Isi, turondera ibintu biba bigizwe n'ivyo tutamenyereye kubona."
Ku bijanye n'ubunini, ibinyenyeri binini binini nivyo biba badateye impungenge.
Agira ati: "Tuba tuzi aho biri n'inzira bifata mu kuzunguruka. Turatahura neza uko bikora mu guhindura ikibanza kandi dukora ubushakashatsi ku bidakwirikiza ayo mayira azwi kugira dutahure neza gusumba uko bikora."
"Ahubwo ibiteye impungenge biba ari bitoya, bitaramenyekana aho biri, ivyo nivyo biba biteye ikibazo gushika umuzunguruko wavyo umenyekanye."
N'ubwo biri uko, hari bitatu muri ivyo binyenyeri binini bikomeza gukwirikiranirwa hafi n'abahinga, n'ikindi gihambaye cane ku buryo abahinga ba Nasa batanguje urugendo rwo kuja kuciga neza.
1. Apophis

Ahavuye isanamu, NASA
Iki kinyenyeri cahawe izina ry'imana y'akajagari no gusambura mu myumvire y'imana zo mu Misiri, Apophis camenyekanye mu 2004.
Iki kinyenyeri bavuga ko biboneka ko hari amahirwe make cane kugirango gishobore guseka kw'isi, ariko Nasa mu nyuma yatangaje ko 'yizeye ata gukekeranya ko ata mpungenge Apophis iteye ko yohava izosekana n'Isi, n'imiburiburi mu myaka ijana iri imbere.
Rozest agira ati :"Ubu turazi ko kizoca (ico kinyenyeri Apophis) hafi y'umubumbe w'Isi kuwa 13 Ndamukiza mu 2029.
Ibi vyabaye urufatiro rw'ibikorwa vyinshi vy'ubugenzuzi bitandukanye vyo kukigendereza kuva abahinga bakimenye, kandi kizokwigira hafi, hafi cane gose kurusha n'ahari ibigendajuru (satellites) vyahagaritswe mu kirere, kandi twibaza ko kwegera isi bizotuma ico kinyenyeri gikweguka kigahinduka imero."
Nk'uko bimenyeshwa na Nasa, umuzunguruko w'Isi uzokurura ico kinyenyeri bitume gihindura inzira y'umuzunguruko waco kw'izuba, kandi ibi mbere bishobora no kugiteza kumangagurika ubwaco (landslide).
Gifise ubwaguke bugereranywa muri metero 340- n'ukuvuga ko hongana n'ibibuga bitatu vy'umupira w'amaguru bifatanye- kandi kizoca kuri km 32000 uvuye kw'isi. Birashoboka ko abantu bazokibonesha n'amaso masa (ata vyuma vya rugagamisha barinze kwifashisha).
2. 2024 YR4

Ahavuye isanamu, ATLAS
Nasa ikeka ko iki kinyenyeri kiri hagati ya metero 53-67 mu bunini- hafi nk'inyubakwa y'amagorofa 15 – 2024 YR4 camenyekanye mu 2024, kandi caravuzwe cane mw'isi mu bihe vya vuba, igihe vyanuganurwa ko hari impungenge ku rugero ruto ko gishobora guseka Isi mu 2032.
Abashakashatsi bagereranya mbere ko hari urugero rw'impungenge rwa 1/32 ko ivyo bishobora kuba kigaseka Isi, ariko ivyo muri Nasa bahavuye basanga atariko biri.
"Kimwe mu bibazo bizanana no kugendereza ibinyenyeri boshobora gusekana n'Isi, n'ukubona ryari ivyo bishobora kuzoshika," niko Grady avuga.
Grady agira ati: "Dutegerezwa kuguma twitegereza kugira tumenye neza umuzunguruko wayo".
Haracari amahirwe agera kuri 3.8% ko 2024YR4 isekana n'Ukwezi, ariko Nasa irongerako ko ukwo gusekana kuramutse gushitse, ivyo ataco bizohindura ku nzira y'umuzunguruko w'umubumbe wacu.
3. Didymos na Dimorphos

Ahavuye isanamu, NASA/Johns Hopkins APL/Steve Gribben
Didymos, bisigura ihasa mu kigereki, ni ikinyenyeri, nayo Dimorphos ni nk'ukwezi guto kukizenguruka..
Nta na kimwe muri ivyo bibiri gifatwa nk'ikibangamiye Isi, ariko vyompi biyica hafi cane.
Mu 2022, Nasa yari ifise intumbero yo gukebanura ivyo binyenyeri mw'igeregeza yise Double Asteroid Redirection Test (DART) – aho yarungitse ikigendajuru guseka Dimorphos, kikaba caciye gisanzara muri ubwo butumwa. Intumbero kwari ukuraba ko ibinyenyeri bakeka ko bishbora gusekana n'Isi, vyoshobora guhushishwa inzira ata ngorane biteje.
Dimorphos na Didymos vyatoranijwe mu bwitonzi bwinshi. Nta na kimwe muri vyo bari bafise impungenge ko gishobora guhura n'Isi imbere y'iryo gerageza, kandi guhindura gato umuzunguruko wazo ntivyari gutuma izo mpungenge zongerekana.
"Ico kigendajuru ca Nasa carakoze ku kwezi Dimorphos, bihindura umuzunguruko wakwo kukinyenyeri Didymos mw'igerageza rya mbere", niko Rozeck avuga.
"Ayo mahinduka yapimwe bakoresheje ivyuma bisanzwe biri kw'Isi. Dukomeza kugenzura iki imbere y'ubutumwa bw'ikindi kigendajuru ca Hera gushika mu mwaka uza, kugirango kigenzure ingene ukwo gusekana kugenda."
4. Psyche

Ahavuye isanamu, NASA
Iki kinyenyeri ca Nasa nka kimwe mu binyenyeri biteye amazinda / amatsiko muri urwo rugabano, Psyche barubonye 1852. Bacitiriye imana y'Ubugereki ijejwe imishaha.
Psyche kiri kure cane yacu, kizunguruka izuba giciye hagati Jupiter na Mars, bigakekwa ko kigizwe n'ubutare (metal) hamwe n'ibihongo vy'amabuye.
Abahinga biyumvira ko ubutare (metal) buva hagati na hagati mu ruhererekane rw'imibumbe myinshi (planetesimal), gukora ubushakashatsi kuri uru ruhererekane bigashobora kubafasha gutahura neza ingene munda y'Isi (core) canke mu nda z'iyindi mibumbe hibumvye.
Mu 2023, Nasa yatanguje ubutumwa bwo kuja gukora akarata yerekana ibibanza iyo mibumbe n'ibinyenyeri birimwo n'uko bitonze (map) no kuyigirako ubushakashatsi.
Ibishasha vyabonetse

Ahavuye isanamu, NSF-DOE Vera C. Rubin Observatory
Mu ntango z'uku kwezi, ikibanza ca Vera Rubin Observatory, co kwihweza ibibera hanze y'ikirere, cagaragaje ko telescope yaho nshasha yabonye ibinyenyeri bishasha bigera ku 2000, n'ibindi bibumbe vyo mu kirere bigera kuri ndwi hafi y'umubumbe w'Isi mu kiringo c'amasaha atarenga cumi.
Buri mwaka, hafi inyenyeri 20,000 nshasha ziratogwa n'abashakashatsi, baba abakoreshwa ibibanza vyo kuzigendereza biri kw'Isi canke ibiri mu kirere.
Porofeseri Grady agira ati: "Wifuza kugendereza no gushira kw'ikarata uko ijuru risa mw'ijoro mu buryo bwuzuye, ubwirizwa kuba ufise ahantu hakwemerera kubona igice cagutse cane."
Ico kigo kigendereza ikirere kimenyesha ko citeze kubona miliyoni na miliyoni z'ibinyenyeri bishasha mu myaka yambere y'umugambi wabo, ibizoha abashashatsi ibindi vyinshi muri ivyo binyenyeri bakorako ubushakashatsi kugira ngo bamenye vyinshi vyerekeye igice c'isanzure tubarizwamwo rya Solar System (Systeme Solaire).













