Uko Uburaya na Amerika biriko biratakaza ikibanza n'ijambo muri Afrika

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Andrew Harding
- Igikorwa, BBC News, Johannesburg
Agace kangana na hegitari 2,5 yamara kari mu twa mbere turangwamwo amafaranga menshi muri Afrika, muri iyi ndwi kariko kaberamwo inama mpuzamakungu ivanze ukwiyumvamwo iteka (ishema), ukwiruhutsa, ariko kandi n’ukuba nk’uwubuze ico afata n’ico areka.
Sandton, kartiye ica ibibatsi y’amabanki iri ku nkengera z’igisagara ca Johannesburg kiguma gitituka -niho hariko harabera inama y’uyu mwaka ya Brics, umugwi ushaka gushika kuri vyinshi ariko utava aho uri, ugizwe n’ibihugu (Brezil, Uburusiya, Ubuhindi, Ubushinwa na Afrika y’Epfo), bihuzwa n’icifuzo co guhangana n’ikibonwa nk’ubwiganze bw’ibihugu vya Buraya na Amerika mu bibazo vy’isi.
Ibindi bihugu mirongo biri ku murongo birindiriye kwinjira.
Kuba ubu hari ukwiruhutsa ngaha muri Afrika y’Epfo ku bijanye na Brics bishobora gusigurwa n’ingingo ya perezida Putin yo kutaza muri iyo nama.
Iyo yari gushimika ashaka kuza, Afrika y’Epfo amaherezo yari guca itegerezwa gutomora aho ihagaze ku kwubahiriza inshingano mpuzamakungu zayo zo guta muri yompi umukuru w’Uburusiya kubera ibirego vy’ivyaha vy’intambara muri Ukraine. Kuba bakuweko uwo mutwaro, abategetsi ba Afrika y’Epfo ubu barahimbawe n'uruhara rwabo rwo kwakira iyo nama – barungikrira abanyamakuru umuyoro w’ubutumwa bwa email ku bijanye n’amanama ya Brics, amahayanishwa y’ubucuruzi, n’ibindi vyinshi.
Urugero rw’umwete abategetsi ngaha bafise, bifasha, kuri bamwe mu bihweza ibintu n’ibindi, kwerekana aho Afrika y’Epfo igeze n’ingene iriko iranyarutsa kwigirwa kure y’ibihugu vya Buraya na Amerika, atari mu kwerekeza gusa ku ruhande rushamikiye hensi, ariko na cane cane ku nzira y’Ubushinwa, no ku rugero ruto ugereranije, y’Uburusiya.

Ahavuye isanamu, AFP
Ejo bundi mu nama y'abashikiranganji b'imigenderanire itegura ikoraniro rya Brics i Cape Town, umumenyeshamakuru w'Umurusiya yaranyegereye turi mu kiganiro n'abamenyeshamakuru aranyongorera ati: ''Muragumya iparadizo yanyu y'uburenganzira bwa zina muntu [Mu bihugu vya Buraya na Amerika]. Turiko turasubiramwo isi.''
Brics ishobora kuba ikiri mu bwana bwayo, ariko iriko irazana, nibura mu bice bimwe bimwe, agatima kumvikana nk'ingoga n'uguhurumba.
Umugenzi mu kazi yagiye mu nama kuri poritike y'imigenderanire yatunganijwe na Afrika y'Epfo yambariye ingene hari uguhuza ku bwiganze bw'abari bayitavye ko Ubushinwa ari bwo kazoza, ko ibihugu vya Buraya na Amerika biriko birasubira inyuma.
Aho ni naho ukubura ico Afrika y'Epfo ifata n'ico ireka bica vyinjiramwo.
Umukuru w'ico gihugu Cyril Ramaphosa - umugwizatunga atunze cane - arazi neza ko ubutunzi bw'ico gihugu, bwahungabanijwe cane na Covid kandi bukaba buhanzwe n'urugero rwa mbere runini rw'ubushomeri n'ubusumbane kw'isi, bukeneye kubi iyindi mitahe myinshi kugira ntibutembagare.
Uburusiya, nta nkeka, si bwo nyishu. Imigenderanire y'ubucuruzi na Afrika y'Epfo isa n'uko atayo.
Ubushinwa buguma buduza ikibanza cabwo, ariko nabwo, burengerwa n'urudandazwa ico gihugu gikorana n'ishirahamwe rya Buraya na Amerika, hamwe n'imitahe ivayo kuva kera.
Kuki Afrika y'Epfo yokwonona imigenderanire n'ivyo bihugu vya Buraya na Amerika - isanzwe itifashe neza - mu gihe ubutunzi buri mu mayira abiri bikomeye cane?
Inyishu, n'imiburiburi igice cayo, isa n'iyigaragazwa n'ukuntu umugambwe uri ku butegetsi ugenda uta utora [ivyo ukora].
Inyuma y'imyaka 30 ku butegetsi, African National Congeres (ANC) uhanzwe no kurangiza indyane z'imbere muri wo, ibiturire n'akajagari mu ntwaro.
Nko ku kibazo c'intambara muri Ukraine, reta ya Afrika y'Epfo yatanze urudavagi rw'inyishu - ubwa mbere yiyamirije igitero, hanyuma yanka kuciyamiriza, mu nyuma ita umwikomo kuri OTAN, ishimagiza Putin, yemera kuba umuhuza w'amahoro, yakira imyimenyerezo y'ingabo zo mu mazi z'Uburusiya, yiruka kwisigura i Washington, hanyuma igaruka gusubiramwo ivyo Uburusiya buvuga ko vyoganirwako.
Aho kandi hari n'ikibazo kikiri amayobera cerekeye niba Afrika y'Epfo yarahaye ibigwanisho Ubususiya mu mwaka uheze -nk'uko Amerika ibivuga.
Nta nkeka ko perezida Cyril Ramaphosa abura ico afata n'ico areka ku bijanye n'igitero c'Uburusiya kandi ko afise umwitwarariko wo kwerekana ko afise ubwitonzi kandi ari umuntu ata ruhande yegamiye mw'isi nshasha ihuza impande nyinshi.
Ariko benshi muri reta n'umugambwe vyiwe iyo nyifato ntibayerekwa - rimwe na rimwe berekana intuntu yabo ku gufatwa mu mugongo na Moscou mu gihe c'urugamba rwo kurwanya apartheid no kuba muri rusangi binuba poritike yo hanze ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ubwo butumwa butagira iyo buva n'iyo buja ico bwashoboye n'ugusasata impande zose muri iyo ntambara no gutuma Afrika y'Epfo igaragara nk'igihugu c'intege nke kandi kidashobora gufata ingingo.
Igihugu ca Mandela c'amabara y'umunywamazi (arc-en-ciel/rainbow) nta nkeka ko kitorohewe muri iki gihe - bamwe mbere bakaba bagabisha ko vuba gishobora gucika ''igihugu c'akajagari''.

Ahavuye isanamu, Brics handout/Getty Images
Ariko, inama ya Brics y'iyi ndwi, bitandukanye na Afrika y'Epfo, ku Burusiya ho kazoba akaryo ko kwerekana poritike yabwo y'imigenderanire ikora neza gusumba mu mikenyuro no gushika ku co irondera.
Ubu vuba amakuru yo ku mugabane wa Afrika muri iyi minsi ashobora kuba yiganziwe n'itembagazwa ry'ubutegetsi muri Niger, hamwe n'uko umugwi Wagner w'abacangero w'Uburusiya ushobora kwikika mu kiza kugira ushike ku nyungu zawo, nk'uko umaze kubigira muri Mali na Centrafrique.
Ariko ntawokwirengagiza ingene Moscou, biciye ku mushikiranganji wayo w'imigenderanire Sergei Lavrov yama ku nzira, no mu butumwa bwayo bw'amayeri, yashoboye kwiyerekana -inyuma y'imyaka myinshi atawuyibona muri Afrika - nk'iyindi nzira kandi yizewe yosubirira ikibanza n'ijambo ''vy'aba koroni'' muri Afrika.
Mu bihugu vyugarijwe n'ubukene, ihindagurika ry'ibihe, abanyagihugu baguma bagwirirana kandi bakiri bato, ubushomeri buguma bwiyongera, kuba haheze imyaka ibintu vyama hahandi bituma benshi bugurukira inzira nshasha.
Aho niho haca haza ikibazo - ni ikihe ibihugu vya Buraya na Amerika vyakoze kugira birushe Ubususiya?
Gufatira ibintu muri kivunga ku vyerekeye uwu mugabane si vyiza, kandi kwoba ari ukwihenda no gutyoza Afrika kuvuga ko ibihugu vyayo ari ingwati gusa mu ntambara iteruye (Guerre Froide/Cold War) yongeye kuvyuka hagati y'ibihangange vy'isi.
Ariko igisa na Brics c'Abanyaburaya na Amerika ni ikihe ? Ubwongereza burafise ''umushikiranganji ajejwe Afrika'' - ariko hafi bose bamaze kuja muri ico kibanza nta n'umwe arakimaramwo umwaka urenga.
Umwitwarariko w'imigambi y'iterambere, ubutumire bufise ivyo bubanza gusaba kandi buhabwa abategetsi b'abanya-Afrika batoneshejwe, kwunyuye ibivugwa ko Ubufarnsa, Ubwongereza n'ibindi bihugu vyahoze bitwara gikoroni n'ubu bigifata Afrika nk'umugabane w'ingorane zikeneye gutorerwa inyishu, aho kuba umufatanyabikorwa wo gushigikira.
Ibi bishobora kuba atari vyo. Uko biri kwose, ibihugu vya Buraya na Amerika, mu kiringo c'imyaka myinshi, vyaratanze amafaranga afadika yo gushigikira imigamb i y'amagara y'abantu, ubutunzi n'ama reta ku mugabane wose.
Ariko uruhara rw'ibisirikare vya Buraya na Amerika - cane cane ingabo z'Ubufaransa n'ama drone ya Amerika - mu bihugu nka Niger na Somalia, vyateye ingaruka zihindukiriye ivyo bihugu.
Ari naco gishobora gusigura igituma inzira yindi ya Brics iriko irijukirwa muri Afrika, n'igituma uwo mugwi uzobisigura n'ijwi rirangurtse kandi wiyumva, ahariko harabera inama i Sandton muri iyi ndwi.













