«Twicaye nyene ngaha turindiriye ko tuzoronka aho twimukira» - Abahora bakanikira imodoka mu Buyenzi

Mu ntango z’iyi ndwi, intwaro yategetse ko abakorera bose ku mabarabara bakura meza. Vyatumye babona ko bagiye kugwa mu kaga n’imiryango yabo. Basaba kuronswa ibibanza ahandi.

Alexis Ndikumana umwe mu bafise ikibanza cahora gisamburirwamwo imiduga muri zone Buyenzi ati:« Ntawuzi iyo bizotera bija. Ahubwo mwodushikira imbere mukatubariza …aha twagaburira imiryango myinshi cane. Guhera hariya hose na hariya zari 'garages' gusa. Ariko urabona ko ata n’imwe isigaye ».

Ivyo yabivuga ariko arapakira ivyuma vyiwe ikamyo kugira yimuke.

Co kimwe na bagenzi we, yasa n’uwudafise iyo aja. Yabwiye BBC Gahuza ko uruhombo ari runini cane.

Abandanya avuga « nk’iyi kamyo iriko irapakira ibi vyuma sinzi n’ingene nza kuyiriha »

Buyenzi ni imwe mu ma zone y’igisagara ca Bujumbura izwi nk’iyifise abafundi (abahinga) benshi bazi gukanika imiduga, amapikipiki n’ibindi vyuma ariko batavyize mw’ishure. Usanga abatari bake batunganiriza ivyo vyuma ku nkengera z’amabarabara.

Kuri uyu wa kane, igice kinini c’amabarabara cagaragara. Nta miduga iriko irasanurwa wahabona. Abapolisi na bo baguma banyuragiranwa kugira basuzume ko ingingo iriko irubahirizwa.

Ni mu gihe abafise imangazini z’ivyuma vy’imiduga n’amapikipiki (pieces de rechanges), co kimwe n’abahora badandariza imfungurwa mu bibanza vyugawe, wasanga bijiriwe.

Bavuga ko na bo nyene bahahombeye vyinshi.

Ndayiragije Oscar, umwe mu badandaza ivyuma, twamusanze mu nzu adandarizamwo yihebuye.

Agira ati : « Urumva barinze bagenda, natwe duca tugenda kuko ntitwoba tukironka abadushorera. Abadushorera bari abo bakanika imiduga.

« Twicaye nyene ngaha turindiriye ko tuzoronka aho twimukira ».

Sandrine ni umwe mu bagore bitwa « mama nitilie » yahora adandaza imfungurwa zihiye mu bibaza bisanurirwamwo imiduga.

Avuga "banshorera nkaronka make make yo kugura agafu. Ubu, ubuzima bugiye kugorana cane. Dusaba ko botureka tukadandaza mu mahoro, bapfume baturihisha ku kwezi ».

Niyonkuru Sef arongoye zone Buyenzi iri mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko ingingo yo kwirukana abakanikira imiduga mu mabarabara y’iyo zone bayifashe mu ntumbero yo kugwanya akajagari no kugarukira isuku.

Avuga ko benshi mu basanurira imiduga muri iyo zone basuka amavuta mu mabarabara bakongera bagahungabanya uruja n’uruza n’umutekano.

Yemeza kandi ko bakoresha ivyuma bitera urwamo rwinshi bibuza abanyagihugu kuruhuka.

Uwo mutegetsi avuga ko abipfuza kubandanya bahakorera borondera ibibanza vyubakiye gurtyo bakaja barariha n’amakori.

Avuga kandi ko ivy’iyo ngingo abakanika imiduga bari basanzwe babizi kubera bagiye babimenyeshwa mu nama zitandukanye.