Israel: Abasirikare b’igitsina gore bakuwe mu mutekano w'amabohero inyuma y’aho umwe yagirijwe kuryamana n’impfungwa

Umushikiranganji wa Israel ajejwe umutekano, Itamar Ben-Gvir avuga ko abagore bagiye gukurwa mu gikorwa co gucungera umutekano mu mabohero acungerewe cane

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa Israel ajejwe umutekano, Itamar Ben-Gvir avuga ko abagore bagiye gukurwa mu gikorwa co gucungera umutekano mu mabohero acungerewe cane
    • Umwanditsi, Na Yolande Knell i Jerusalem & Alex Binley i Londres
    • Igikorwa, BBC News

Abasirikare b’igitsina gore muri Israel bagiye kubuzwa gucungera amabohero inyuma y’aho umusirikarekazi w’iki gihugu yagirijwe ko yagiranye imibonano mpuzabitsina n’impfungwa y’umunyapalestina.

Ibinyamakuru vya Israel bivuga ko umusirikare w’umugore yaryamanye n’umugabo w’umunya-Palestina avugwa ko yakoze igitero cahitanye ubuzima bw’abasivire ba Israel.

Bivugwa ko uno mugore yari mu gisirikare kw’itegeko nk’uko bitegerezwa ku banya-Israel benshi.

Abagore bategerezwa kumara nibura imyaka ibiri mu gisirikare, abagabo nabo amezi 32.

Izina ry’uno musirikarekazi hamwe n’iry’ino mpfungwa iri mu gihano c’umunyororo w’ubuzima bwose ntiyashizwe ahabona.

Sentare ifise uru rubanza yategetse ko ayandi makuru arimwo aho iri bohero riherereye atoshirwa ahabona.

Ibinyamakuru vya Israel bivuga ko mu gihe yariko arabazwa, uno musirikarekazi - ubu ari mu minwe y’inyamiramabi – yavuze ko hari n’abandi bagore bane baryamanye n’uno mugabo nyene.

Iyi mpfungwa y’umunya-Palestina yaciye ivanwa mu cumba yari ipfungiwemwo ijanwa kure y’abandi bapfungwa imbere y’iburanishwa, nk’uko bivugwa n’igisata ca Israel kijejwe amabohero (IPS).

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ejo ku wa gatanu, umukuru wa IPS Katy Perry n’umushikiranganji ajejwe umutekano Itamar Ben-Gvir batangaje ko abasirikare b’abagore batazosubira gukoreshwa mu mabohero acungerewe cane asanzwe apfungiwemwo abanya-Palestina bagiriwe n’icaha c’iterabwoba.

Ibinyamakuru vya Israel bisubiramwo Ben-Gvir avuga ko gushika hagati mu 2025 ata “musirikare n’umwe w’igitsinagore azoba agisigaye mu mashami y’umutekano w’amabohero”.

Bimaze gusabwa kenshi ko abasirikare ba Israel b’igitsina gore bavanwa mu bikorwa vyo gucungera amabohero ya Israel apfungiwemwo abagirizwa ivyaha bihambaye. Hagati aho, aka kamo ntaho kigeze gashika kubera ata bo kubasubiriza babonetse.

Mu mwaka uheze, abashikiranganji ba Israel barategetse ko haba amatohoza inyuma y’ibiterasoni vyabereye kw’ibohero rimwe, aho bivugwa ko impfungwa z’abanya-Palestina bafashe ku nguvu abasirikare b’abagore bari bajejwe umutekano w’ibohero kandi ko bamwe mu barongoye ibohero “bahumbisha” abagore binjira mu gisirikare.