DR Congo: Umusirikare wa MONUSCO yishwe ku kirindiro cayo i Minembwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingabo zarungitswe kugarukana amahoro muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo, MONUSCO, ziriyamiriza igitero cakozwe ku kirindiro cazo mu karere ka Minembwe mu ntara ya Kivu y’Epfo.
MONUSCO ivuga ko iki gitero cakozwe n’umurwi w’inyeshamba Twirwaneho ku wa 30 z’ukwezi kw’icenda, isaha zine n’igice z’ijoro.
Nk’uko MONUSCO ibivuga, umusirikare umwe wayo yarishwe n’abantu bitwaje inkoho bariko begera iki kirindiro cayo inyuma y’aho bavuganiye nayo ko bashaka kwishikana.
Mw’itangazo yaraye isohoye, MONUSCO yibutsa ko ibikorwa vyayo vyo kwaka ibirwanisho abarwanyi bihagarariwe n’Inama nkuru y’ishirahamwe ONU kandi ko bikorwa ata nkunzi.
Ivuga ko gutera ingabo zarungitswe kugarukana amahoro bishobora gufatwa nk’icaha co mu ntambara.
MONUSCO isaba reta gukora ibishoboka vyose kugira ngo abakoze iki gitero bashengezwe.
Ingabo zarungitswe kugarukana amahoro muri Congo zimaze imyaka irenga 20 ariko ntizirashobora kugarukana ituze mu buseruko bw’ico gihugu burangwamwo imirwi y’inyeshamba irenga 100.
Abanyagihugu bo muri ako karere bakaba babona ko ataco ibamariye.
Mu kw’indwi, haradutse imishamirano hagati ya MONUSCO n’abanyagihugu, aho abari muri yo baturiye bongera barasahura ibigo vyayo mu gisagara ca goma. Abashika 19 nibo bazwi ko baguye muri ino mishamirano.










