Eritrea yakuye ingabo zayo muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abanyagihugu bo mu bice bitandukanye vyo mu ntara ya Tigray mu buraruko bwa Ethiopia babwiye BBC ko abasirikare bava mu gihugu kibanyi ca Eritrea bariko barava ku bwinshi mu bibanza bahora bagenzura.
Uwabibonye ari mu gisagara ca Adwa yabwiye BBC ko imiduga y’igisirikare ca Eritrea iguma irengana muri ico gisagara kuva ku wa gatanu mu gitondo.
Yagize ati : "Abasirikare bahaca bari mu miduga nyinshi".
Aavuga ku gitigiri c’abasirikare ko bari ‘’nk’ubunyegeri’’, uwo aba muri Adwa yavuze ko imiduga ‘’yagenda iravuza urumbete’’ abasirikare nabo baririmba.
‘’Baririmba bafise n’amabendera kandi bamanitse ivyapa vy’amajambo ku miduga yabo’’, niko avuga.
Hagati aho, ingabo za reta ya Ethiopia zari zicungereye inkengera z’igisagara, nk’uko uwo ahaba abivuga.
Ku bw’amasezerano y’amahoro hagati ya reta ya Ethiopia na Tigray People’s Liberation Army (TPLF), kuvana ingabo mvamahanga n’izitari iza reta muri Tigray vyari kuba vyakozwe ingabo za Tigray zihejeje gusubiza ingabo za reta ibigwanisho biremereye, ivyo navyo zikaba zarabikoze.
Uwundi aba mu gisagara ca Aksum nawe yabwiye BBC ko imodoka mirongo zitwaye ingabo za Eritrea n’ibigwanisho zamye zica muri ico gisagara.
‘’Naharuye imiduga 70, ibiduga vy’intambara 12 n’izindi nyinshi. Abasirikare bari mu miduga itandukanye. Baza bava amatumbera muri Adwa batera baja mu gisagara ca Shire’’, ivyo navyo bivugwa na Berihu Kahsay, yari mu bagiye ku mabarabara kugira barabe ingene izo ngabo zivayo.
Amakuru menshi ava muri Eritrea nayo yemeje iryo vanwa ku bwinshi ry’ingabo n’ibikoresho vya gisirikare muri Tigray.
Abasirikare ba Eritrea barungitswe mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2020 muri Tigray gufasha ingabo za reta ya Ethiopia.
Iyo ntambara yarangijwe n’amasezerano y’amahoro mu mpera z’umwaka uheze yaguyemwo abantu ibihumbi. Abandi baharurwa muri za miriyoni nabo barata izabo.













