Amerika yahagaritse viza y’umukuru w’inama nshingamateka ya Uganda kubera itegeko rihana ubutinganyi

Anita Annet Among

Ahavuye isanamu, Anita Annet Among/Twitter

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahagaritse viza (visa: uruhusha rwo kwinjira mu gihugu) y’umukuru w’inama nshingamateka ya Uganda, Anita Among, mu gihe umushingamateka Asuman Basalirwa avuga ko ari we ashobora kuba uwa mbere afatirwa ibihano inyuma y’aho iki gihugu ca Afrika y’Ubuseruko cemeje itegeko rihana ubutinganyi, ikizwi nka LGBTQ.

Umushingamateka Basalirwa, ari na we yashikirije integuro y’iri tegeko mu nama nshingamateka, yeretse abamenyeshamakuru ubutumwa muravyo (email) bw’ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika buhagarika iyi viza y’umukuru w’inama nshingamateka.

Asubiramwo ibiri muri ubu butumwa akanya gato inyuma y’aho bimenyekaniye ko Perezida Museveni yateye akagere igitsure yaterwa n’ibihugu vy’Uburengero n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu agatera igikumu kw’itegeko rihana ubutinganyi, Basalirwa yongerako ati:

Ati: "Kuva kw’igenekerezo rya 12 Rusama (5) 2023, wewe (Among) nta ruhusha ufise rwo kwinjira muri Amerika ariko urafise akaryo ko gusubira gusaba urundi”.

Umushingamateka Basalirwa abona ko umukuru w’inama nshingamateka aguye mu mporero, akavuga ko ari we mu bisanzwe yaronderwa.

Ati: "Ndibaza ko bariko barondera viza yanje yo muri Amerika ariko barayibura. Nico gituma rero uwa mbere akozweko abaye umukuru w’inama nshingamateka".

Basalirwa avuga ko yumva y’uko n’ubuserukizi bw’ibindi bihugu harimwo n’Ubwongereza biriko birakora uko, ariko ko ivyo ataco bimubwira.

Ati: "Ubwa mbere, muzofuta amaviza yacu yose, kandi ni uburenganzira bwanyu. Kuri jewe nta ngorane mfise ku kungene igihugu kanaka gikora ivyaco.

"Nimba mu bushingantahe bwabo na demokarasi yabo batadukeneye mu bihugu vyabo, ni uburenganzira bwabo kandi sinshaka ko hagira uwushavurira Ubwongereza na Amerika gufuta viza zacu ubu. Ni uburenganzira bwabo.

"Ingorane yonyene mbona kuri aba bantu, ni uko bacagura. Iri tegeko ryateweko igikumu n’umukuru w’igihugu ca Uganda, nosaba Amerika, Canada, Ubwongereza, Ubumwe bwa Bulaya bwose, ko vyohagarika amavisa ya Perezida Museveni...co kimwe n’ay’abashingamateka bose".

Mw’iri tegeko rishasha, abo bose bakora imibonano mpuzabitsina babisangiye bashobora guhabwa ibihano ruhasha harimwo n’ugupfungwa ubuzima bwose.

Imbere y’aha ejo ku wa mbere, Among yari yasiguye ko "inama nshingamateka izokwama ihagararira kandi igashira imbere inyungu z’abanyagihugu ba Uganda".