Mu buhinga bwo hejuru, abasuma bivye imiriyoni 30 z'ama-euro mw'ibanki yo mu Budagi

Ahavuye isanamu, Gelsenkirchen Police
- Umwanditsi, Amy Walker
Abasuma bakoresheje imashini ndende yo gutobora kugira ngo binjire mu gisandugu ntamenwa (coffre-fort) c'amafaranga c'ishami ry'ibanki riri kw'ibarabara rinini mu burengero bw'Ubudagi, maze biba amafaranga n'ayandi matungo vyose bifise agaciro k'imiriyoni 30 z'ama-euro, nk'uko igipolisi kibivuga.
Umuvugizi w'igipolisi yagereranije ubu bubandi na filime y'ububandi ya Hollywood izwi nka Ocean's Eleven, aho yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko bwakozwe "n'abantu babifisemwo ubuhinga bwo hejuru cane".
Muri ubu busuma kw'ibanki yo kuziganya ya Sparkasse mu gisagara ca Gelsenkirchen, abo babandi babomoye udusandugu tw'amafaranga turenga 3.000 twarimwo inoti, inzahabu, n'imitako.
Igipolisi ca Gelsenkirchen kivuga ko cagiye kumenya ivy'ubu bubandi inyuma y'uko havugiye inzamba yo kugabisha umuriro w'icaduka mu gaturuturu ko ku wa mbere.
Gushika ubu, nta n'umwe arahagarikwa kandi ababikoze ntawurabakubita n'iryahumye.
Igipolisi kivuga ko aba basuma bikitse inyuma y'akaruhuko ka Noweli gatekanye mu kwiba iyi nyubakwa iri kw'ibarabara rya Nienhofstrasse riri mu karere ka Buer.
Amatohoza ya mbere yerekana ko bashoboye kwinjira muri iyo banki, hanyuma barigira ata nkomanzi baciye muri garaji y'iparikingi iri iruhande.
Ababibonye bavuga ko babonye abagabo benshi bikoreye amasakoshi manini mu ngazi z'igaraje mw'ijoro ryo kuva ku wa gatandatu gushika ku wa Mungu.
Igipolisi kivuga ko videwo yerekana imodoka yirabura yo mu bwoko bwa Audi RS 6 iva muri garaje, kw'ibarabara rya De-La-Chevallerie-Strasse, mu gatondo ko ku wa mbere.
Umwobo winjira mu cumba kizwi ko ari ntamenwa c'ahabitswe amafaranga kiri mu kuzimu wagiye kuboneka igihe havugiye inzamba yo kugabisha umuriro mu gaturuturu ko ku wa mbere maze igipolisi hamwe n'abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka baca barasaka iyi nyubakwa.
Abakiriya b'iyi banki basabwa kwitura ibanki Sparkasse yaciye ishinga inomero ya terefone itarihwa. Igipolisi caciye kigota irembo ry'iri shami ry'iyi banki ejo ku wa kabiri, inyuma y'uko igico c'abakiriya basugereje iyi banki basaba amakuru aramvuye.
"Mw'ijoro sinashoboye gusinzira. Nta makuru turiko turahabwa", niko umugabo umwe yabwiye ikimenyeshamakuru Welt nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, igihe yari ahagaze hanze. Avuga ko iri shami ribitse udufaranga twiwe yari yaraziganije kugira tuzomufashe mu busaza.
Ubutumwa bwacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi bw'iyi banki bwavuga ko iri shami ryategerezwa kuguma ryugaye ejo ku wa kabiri kubera ubu bubandi.
Sparkasse ivuga ko 95% vy'udusandugu tubitse amafaranga y'abakiriya twamenywe n'aba basuma, ibi bikaba vyerekana ko benshi mu bakiriya bahatakarije.
Yongeyeko ko ibiri muri buri cumba bifise ubwishingizi gushika ku ma euro 10.300, igasaba abakiriya ko boraba nimba bafise ubwishingizi bw'inyongera biciye ku bwishingizi bw'inzu zabo.













