Umufaransa yahagaritswe akekwako uruhara rwo gushaka gutembagaza ubutegetsi muri Mali

Général Daoud Aly Mohammedine ariko arashikiriza ijambo ku mboneshakure yambaye impuzu za gisirikare

Ahavuye isanamu, Mali TV

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'umutekano, Général Daoud Aly Mohammedine, yagirije ibihugu vy'amahanga kugerageza guhungabanya umutekano muri Mali
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News

Abategetsi ba gisirikare muri Mali bamenyesha ko bahagaritse umuntu afise amamuko y'Ubufaransa akekwa gusumira urusaku igihugu ciwe mu ntumbero yo guhungabanya umutekano muri ico gihugu co mu karere ka Sahel.

Mw'itangazo ryo ku musi wa kane ku mugoroba ku mboneshakure y'igihugu, igisirikare caremeje ko Yann Vézilier akorera "igisata c'iperereza c'Ubufaransa". Yann Vézilier nta co arabivugako.

Ifoto yiwe na yo nyene yarerekanywe, iri iruhande y'izo abagenerari benshi ba gisirikare baherutse guhagarikwa bazira gushaka gutembagaza reta ya gisirikare.

Mw'ijambo ryiwe ku mboneshakure y'igihugu, Gen Daoud Aly Mohammedine, umushikiranganji w'umutekano mu gihugu yagize ati:"Umugambi mubi waburijwemwo kubera ihagarikwa y'abari bawufisemwo uruhara."

Ubufaransa bwahoze bukolonije igihugu ca Mali, nta co kiravuga kuri iryo hagarikwa ry'uwo mugabo no kuri ivyo vyo guhungabanya umutekano.

Ico gihugu co mu burengero bwa Afrika kiri mu bibazo vy'umutekano muke uterwa n'abagumutsi biyitirira igini rya Islam kuva mu 2012 - kimwe mu vyishimikije kugira igisirikare gifate ubutegetsi - ariko ibitero vy'iyo migwi vyarabandanije, mbere biranongerekana.

Inyuma y'imisi myinshi y'urukurukuru rwerekeye itembagazwa ry'ubutegetsi, Gen Mohammedine yemeje ko "akagwi k'abasirikare ba Mali" bahagaritswe bazira gushaka "guhungabanya inzego z'igihugu".

Uwo mushikiranganji yagize ati:"Abo basirikare n'abasivire" boba baronse "ubufasha bw'ibihugu vyo hanze."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo muntu yamuka mu Bufaransa yabikoze "ku nyungu z'igisata c'iperereza c'Ubufaransa, begeranije abategetsi muri politike, abo mu mashirahamwe ategamiye reta hamwe n'abasirikare" muri Mali, nk'uko uwo mushikiranganji yabandanije abivuga.

Yemeje kandi ihagarikwa ry'abajenerali babiri bo mu gisirikare, harimwo Gen Abass Dembélé, yahoze arongoye akarere ka Mopti, yari aherutse guhagarikwa mu mabanga yiwe.

N'imiburiburi abasirikare 55 barahagaritswe gushika bazira uko gushaka gutembagaza ubutegetsi, nk'uko inzego zijejwe umutekano zabimenyesheje itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Gen Mohammedine yavuze ko hariko harakorwa amatohoza yimbitse kugira hamenyekane abandi boba babifisemwo uruhara kandi ko ubu umutekano ucungerewe neza.

Imishamirano ya politike yariyongereye mu ndwi ziheze, inyuma y'ihagarikwa ry'abahoze ari abashikiranganji ba mbere Moussa Mara na Choguel Maïga, bagirizwa gucafuza izina ry'igihugu n'ubusuma.

Mara, yaheruka kunebagura ku mugaragaro reta ya gisirikare, ari mw'ibohero kuva itariki ya 1 z'ukwezi kwa Myandagaro(8), mu gihe Maïga we ariko arakurikiranwa n'ubutungane.

Mu kwezi kwa Rusama(5), ubutegetsi bwa gisirikare bwarafuse imigambwe yose inyuma y'imyiyerekano idakunze kuba muri ico gihugu yo kwiyamiriza reta, ivyo Mara yasiguye nk'ingingo mbi cane ku twigoro two gusubiza hamwe twari twatangujwe n'abategetsi ba gisirikare mu mwaka uheze.

Umukuru wa reta ya gisirikare, Asimi Goïta, yafashe ubutegetsi mu 2020, yari yiyemeje gutunganya amatora mu mwaka uheze, ariko ntiyigeze aba.

Mu kwezi kw'indwi, ikiringo mfatakibanza carongerejweko imyaka itanu, bimuha uburenganzira bwo kubandanya atwara ico gihugu gushika n'imiburiburi mu 2030.

Co kimwe n'ibihugu vyaco bibanyi, Niger na Burkina Faso, ico gihugu carasavye ubufasha incuti yavyo Uburusiya mu kugwanya imigwi yitwaza idini rya Islam muri ako karere, inyuma yo kuvavanura muvyo imigenderanire n'Ubufaransa, ariko nta gahengwe kagaragara muvyo umutekano karaboneka.