Mali: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yagirijwe guhungabanya igihugu kubera ivyo yanditse kuri X

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Damian Zane
- Igikorwa, BBC News
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Mali, igihugu ubu gitwarwa n'igisirikare, yagirijwe guhungabanya icizere c'igihugu mu vyo yavuze ku mbuga hwaniro.
Inyuma yo kuja mw'ibohero kuramutsa, mu kwezi kw'indwi, abatavuga rumwe na reta bapfunzwe, Moussa Mara yanditse kuri X ko ''yifatanije ata guhesha n'abapfungiwe ivyo bemera''.
Mara, yabaye umushikiranganji wa mbere amezi cenda haraheze imyaka 10, muri iyi minsi ari mu batarya umunwa mu kunegura reta ya gisirikare.
Abo basikare, bari ku butegetsi inyuma ya 'coup d'etat' zo mu 2020 na 2021, barafuse imigambwe yose ya poritike mu kwezi kwa gatanu inyuma y'imiyerekano y'imbonekarimwe muri ico gihugu.
Ku wa kane, Mara yarapfunzwe yongera arasambishwa irigira kabiri n'abajejwe urwego rwo kurwanya ubukozi bw'ikibi buciye kuri internet ku vyo yanditse kuri X ku wa 4 Mukakaro(7).
Muri ivyo yanditse, uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yavuze ko ingendo ziwe zo kuja kuramutsa abapfunzwe ari izo kugira ''urubeya rw'umwizero ntirubazimemwo''.
Yongeyeko ati: ''Uko ijoro ryoreha kwose, uko bigenda kwose izuba riraseruka! Kandi turarwana mu buryo bwose kugira ivyo bishike, kandi vuba hashoboka!''
Umushingwamanza w'urwo rwego rwo kurwanya ivyaha biciye kuri internet yavuze ko kuvuga ''abapfungiwe ivyo bemera'' kandi akavuga ko ushaka kubagwanira bigize icaha, nk'uko vyavuzwe na Radio France Internationale.
Ku wa gatanu, hamwe no kwagirizwa guhungabanya icizere c'igihugu, yanagirijwe kandi kugarariza ubutegetsi bwemewe no kugumura abanyagihugu.
Yitezwe kuburanishwa ku wa 29 Nyakanga (9).
Haraheze ukwezi perezida w'umusirikare General Assimi Goïta ahawe n'inama nshingamateka mfatakibanza ikiringo c'umukuru w'igihugu c'imyaka itanu, gishobora kwongerwa ata matora abaye.
Uwo musirikare w'imyaka 41 yafashe ubutegetsi kabiri, yagizwe umukuru w'igihugu inyuma ya coup d'etat yo mu 2021.
Ico gihe yari yemeye ko azotunganya amatora mu mwaka ukurikira - ariko kuva ico gihe yarihindukije mw'ijambo, ivyo kugarukana intwaro ifatiye ku migambwe myinshi muri ico gihugu bica biherera iyo.












