Umugabo yacumise umugore incuro 60 yasabiwe kuva mu mvuto

Ishusho yerekana mu maso h'umugore w'umuzungu amwenyura.

Ahavuye isanamu, Family handout

Insiguro y'isanamu, Sentare yamviriza urubanza rwa Ling, yacumise Joanne Tulip incuro 60, yabariwe ko yicuza ku 'bubisha bwiwe bwo muri kahise'

Umwicanyi yacumise umugore incuro 60 bari mu mibonano mpuzagitsina yasabiwe uburenganzira bwo kurekurwa, ahawe imbabazi.

Steven Ling, yari umukozi mu kibanza c'ahakorerwamwo uburimyi n'ubworozi, yakatiwe umunyororo w'ubuzima bwose mu kwezi kwa 12 mu 1998, inyuma yo kwica Joanne Tulip, w'imyaka 29, yaba muri Stamfordham, Northumberland mu Bwongereza, hari ku munsi wa Noheli w'umwaka wa 1997.

Ling yari yahawe ubwa mbere umunyororo utari munsi y'imyaka 20 ata kuva mu mvuto, ariko mu 2009, sentare nkuru yamugabanirije uwo munyororo utababarirwa, iwushira ku myaka 18.

Nyina wa Tulip, Doreen Soulsby, yiyamirije ico cemezo, aho yise Ling 'umugabo ashobora kubangama cane.'

Doreen Soulsby yicaye ku ntebe iruhande y'ifoto y'umukobwa wiwe, mu mwambaro w'ishati isa n'ivu n'ipataro yirabura

Ahavuye isanamu, BBC

Insiguro y'isanamu, Doreen Soulsby yibaza ko uwishe umukobwa wiwe atari akwiye gupfa arekuwe na mba.

Urwego rwihweza imanza zijanye no gutanga ikigongwe rwashashe ku mugaragaro mu kwezi kw'indwi ku ngingo yo kumugirira ikigongwe, ariko Ling yemererwa gutanga ibimenyetso mw'ibanga.

Babiri mu bahinga ku vyerekeye ubuzima nyoborabwenge (psychologists) nabo barumvirijwe muri urwo rubanza basaba ko Ling yorekurwa akava mu mw'ibohero, ariko akaguma ashinzwe ijisho, mu nzira yo kurinda ivyago vyoshobora guturuka kw'irekurwa ryiwe.

Umwe muri bo yavuze ko yizeye ko ata mpungenge Ling yoteza mu gihe ca vuba, kandi ko 'zishobora kwirindwa' mu kibano.

Yongeye ko ati "nizeye ko impungenge Ling ashobora guteza muri kino gihe zidakwiye gutuma agumizwa mw'ibohero".

Ifoto y'umugabo w'ubwanwa

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kw'indwi sentare yashashe ku kibazo co kugirira imbabazi Ling, n'ubwo imburano ziwe zumvirijwe mu mwiherero
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umupfasoni Soulsby avuga ko ingingo yo kwemera kurekura Ling yamuteye akumiro, we n'umuryango wiwe.

Yagize ati: "Nfise ubwoba bwinshi ku mutekano w'abagore n'abakobwa ku mabarabara, kubona uyu mugabo ashobora kuba ari mu kibano cabo."

"Hamwe yobona umukobwa mwiza arengana mu nzira, azogira iki? Ashobora kudashoka acumura, ariko azosubira acumure. Twumvise vyinshi biteye akoba muri sentare mu kwezi kw'indwi, ni ikibazo c'uburyo ivyiyumviro vy'uyu mugabo biteye."

Mu ncamake yashikirijwe n'abumvirije urubanza ku ngingo yo kumugirira ikigongwe, bavuze ko bafatiye ku bihe Ling yakoreyemwo icaha, uko yitwaye ari mu mvuto, n' umugambi washizweho wo kumukurikiranira hafi, bongerako ko "umunyororo utakiri ngombwa kugirango bishoboke gukingira abanyagihugu."

Abagize intahe bavuze ko irekurwa ryiwe rizoba riherekejwe n'ingingo ziraba abanyororo bose barekuwe ariko bakomeza gushingwa ijisho, hakazokwongerako n' ingingo z'urwo rwego zijana no guhabwa ikigongwe.

Muri izo harimwo gukomeza kugenzwa mu buryo bw'ikoranabuhanga ryifashisha itumatumanako GPS mu kiringo c'amezi 12, kutemererwa gukoresha ibikoresho vy'ubuhinga bw'itumatumanako (electronic technology) hamwe rero no kutemererwa kugera mu turere ashobora guhuriramwo n'abo mu muryango w'uwo yivuganye.