RD Congo: Mu gihe Uvira isugerejwe, amakungu asaba M23 n'Urwanda guhagarika ibitero

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umurwi mpuzamakungu ukurikiranira hagufi akarere k'ibiyaga binini (ICG) umenyesha ko utewe impungenge n'intureka zabaye ndanse mu buseruko bwa Repubulika ya Demokaras ya Congo, cane cane intambara iriko ibera mu micungararo ya Uvira, ugatera akamo ko guhagarika intambara.
Mw'itangazo waraye usohoye, uno murwi usaba umuhari "M23 n'ingabo z'Urwanda guhagarika ubwo nyene ibitero vyabo mu buseruko bwa Congo", kandi ko "ingabo z'Urwanda zikava mu buseruko bwa Congo nk'uko bisabwa n'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi…M23 nayo ikubahiriza ivyo yiyemeje mu masezerano yo ku wa 19 Mukakaro [7] 2025".
Kuva intambara isubiye kwaduka mu mpera za 2021, si bwo bwa mbere M23 n'Urwanda batewe akamo ko guhagarika intambara, ariko ntaco vyigeze bihindura ku rubuga, reta ya Congo nayo ikabandanya itakaza ubutaka.
Urwanda rwamye rwagirizwa ko rushigikiye umuhari M23 mu kuwuha ibikoresho vy'intambara hamwe n'ingabo, ivyo reta yarwo ibandanya ihakana, ikavuga gusa ko ifata ingingo zo kwikingira ingaruka z'iyo ntambara.
Hagati aho, abahinga ba ONU bagumye berekana ko Kigali ari yo ifatiye umuriro uno muhari kandi ari nayo iwuha amategeko.
Mw'iri tangazo rusangi, ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubudagi, Ububirigi, Danemark, Ubumwe bwa Bulaya, Ubufaransa, Ubuholande, Ubwongereza, Suwede, n'Ubuswisi biri mu bigize uno murwi ICG, bitewe impungenge n'uko "izi ntambara nshasha mu micungararo ya Uvira za M23 ifashwa n'Urwanda zishobora gutuma akarere kose gahungabana".
Ibi bihugu bifise ubwoba bufatiye kw'ikoreshwa ry'ibirwanisho bidasanzwe, harimwo na za ndege zitajamwo abadereva (drone).
Iri tangazo rigira riti: "ICG itewe impungenge zidasanzwe kw'ikoreshwa ry'ama-drone y'intambara n'ama-droney'ubwiyahuzi muri ino ntambara".
Ibintu bimeze uku mu gihe ata ndwi yari ihaciye Perezida Felix Tshisekedi wa RD Congo na Perezida Paul Kagame bateye igikumu ku masezerano y'amahoro i Washington bahagarariwe na Perezida Donald Trump wa Amerika ku wa kane w'indwi iheze, ICG igatera akamo kuyubahiriza no kugarukana ituze mu karere.
ICG kandi isaba impande zompikwirinda amajambo n'ibikorwa vyo gusotorana canke bishobora gutuma ibintu bimera nabi, bigatuma amasezerano shingiro (accord-cadre) yateweko igikumu I doha ku wa 15 Munyonyo (11) aba impfagusa.
Isaba kandi ababifisemwo uruhara bose gushira imbere, ata kuraba hirya, iyubahirizwa ry'uguhagarika intambara.
Hagati aho, mu gihe buramatari w'intara ya Kivu y'Epfo, Jean-Jacques Purusi, ejo ku wa kabiri yabwiye Radio Okapi yo muri Congo ko Uvira yagenzurwa n'ingabo za reta akabeshuza ibihuha vyavuga ko inyeshamba za M23 zoba zari zinjiye muri iki gisagara, hari amakuru ataremezwa neza avuga ko abarwanyi ba M23 boba binjiye.
Aya makuru abandanya avuga ko bamwe mu bategetsi ba gisivire n'abagisirikare boba bavuye muri Uvira, bamwe bakaja mu gisagara kibanyi ca Bujumbura abandi bagatera baja i Kalemie.
Ariko, Olivier Muhasha, umwe mu banyamakuru bari mu muji wa Uvira, yabwiye BBC Gahuzamiryango muri aka gatondo ko aba barwanyi boba binjiye mu makaritiye abiri gusa, Kavimvira na Kagenge, ayandi nayo akaba ari mu minwe y'igisirikare ca reta n'abarwanyi ba Wazalendo. Uvira igizwe n'amakaritiye 14.













