Namibia iribuka ku ncuro ya mbere ihonyabwoko ryakozwe n'abakoloni b'Abadagi

Ihonyabwoko mu citwa Namibia ubu ryabaye kuva mu 1904 gushika mu 908

Ahavuye isanamu, Ullstein Bild / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ihonyabwoko mu citwa Namibia ubu ryabaye kuva mu 1904 gushika mu 908
    • Umwanditsi, Natasha Booty
    • Igikorwa, BBC News

Igandagurwa ry'Abanyafrika barenga 70.000 ryataziriwe "ihonyabwoko ry'Ubudagi ryibagiwe", abahinga mu vya kahise bakaba barifata ko ari ihonyabwoko rya mbere ryo mu kinjana ca 20, riribukwa mu gushinga umusi w'igihugu wahariwe ukwibuka ku ncuro ya mbere muri Namibia.

Amakambi y'itunatuniro (concentration camps) be n'ubushakashatsi butari bwo vyari bimaze gukoreshwa n'abategetsi b'Abadagi mu kugandagura no kwica rubozo abantu mu gihugu ico gihe cari kizwi nka Afrika y'Ubumanuko bushira Uburengero (South West Africa), hafi imyaka 40 imbere y'uko bitangura gukoreshwa mu bwicanyi bwa Holocaust (ijambo rikoreshwa mu kuvuga ihonyabwoko ry'Abayahudi bakorewe n'Abanazi b'Abadagi mu ntambara ya kabiri y'isi yose).

Abakorewe aya mabi, cane cane bo mu moko y'aba-Ovaherero n'aba-Nama, bariziziwe kubera bari banse ko abakoloni bigarurira amatungo yabo n'inka zabo.

Umusi wo Kwibuka Ihonyabwoko muri Namibia ku wa gatatu uje inyuma y'imyaka itari mike Ubudagi busabwa gutanga indishi y'akababaro.

Uyu musi mukuru mushasha w'igihugu uzoba buri mwaka nka kimwe mu bigize "urugendo rwo gukira" rwa Namibia, harimwo n'agacerere k'umunota umwe n'ugucana amabuji (bougies) hanze y'ingoro y'inama nshingamateka ku mugwa mukuru Windhoek, nk'uko bivugwa na reta

Ivuga ko yahisemwo igenekerezo rya 25 Rusama (5) kubera ari wo musi abategetsi b'Ubudagi batangaza iyugarwa ry'ayo makambi y'itunatuniro inyuma y'uko yiyamirijwe n'amakungu.

Ubudagi bwatswe iki gihugu – co kimwe na Kameruni y'ubu, Togo n'ibindi bihugu bwatwara gikoloni - n'ibihugu vyari bihanganye na bwo mu ntambara ya mbere y'isi yose.

Mu kiringo c'imyaka itari mike, Ubudagi ntibwigeze bwemera ku mugaragaro ko ubu bwicanyi bw'ikivunga bwabaye hagati y' 1904 n' 1908.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko haciye imyaka ine bwemeye ko abakoloni b'Abadagi bakoze ihonyabwoko, buca bwemera gutanga imiriyaridi 1.1 z'ama-euro nk'imfashanyo y'iterambere yotangwa mu kiringo c'imyaka 30 – ariko ata na hamwe buvuze ijambo "indishi".

Namibia yaranse iyi mfashanyo, iyita "intambwe ya mbere y'inzira nziza" naho nyene itarimwo ugusaba imbabazi no gutanga "indishi" yarondera.

Abanyagihugu benshi ba Namibia ntibahimbawe n'ivyo babonye.

Uahimisa Kaapehi yabwiye BBC ico gihe ati: " Ako ni agashinyaguro k'ikinjana. Dushaka ubutaka bwacu. Amahera ntaco avuze".

Ni uwo mu bwoko bw'aba-Ovaherero akaba n'umujenama mu gisagara ca Swakopmund, ahabereye menshi muri aya mabi, aho agira ati: "Amatungo yacu yaranyazwe, amatongo, inka".

Abaserukira imiryango y'abakorewe iri honyabwoko na bo nyene bariyamirije aya masezerano yo mu 2021, bavuga ko ari icemezo c'"ingendo y'ivangura ruhu ku ruhande rw'Ubudagi, n'ukwemera kuganzwa inyuma y'ubukoloni ku ruhande rwa Namibia" mw'itangazo rusangi.

Kuva ico gihe, ibi bihugu vyarashitse ku nteguro y'amasezerano yotuma Ubudagi busaba imbabazi ku mugaragaro, kandi bikavugwa ko ashobora gutuma iyi ndishi yongerwako imiriyoni 50 z'ama-euro.

Ariko benshi mu baharanira uburenganzira bw'aba-Ovaherero n'aba-Nama bavuga ko aya masezerano ari igitutsi ku mabi basekuruza babo, kandi ko batatumiwe mu biganiro ata mvo.

Inkuru y'umusi wo kwibuka yakiranywe agasuzuguro kuri bamwe, aho abaharanira uburenganzira bw'abanyagihugu bavuga ko ubutungane bunywanisha bukiri kure nk'ukwezi.

Abaharanira uburenganzira bwa muntu benshi bipfuza kubona reta y'Ubudagi isubiye kugura amatongo ya ba sekuruza babo ubu ari mu minwe y'abanyagihugu bavuga ururimi rw'ikidagi, ikayasubiza abakomoka ku ba Ovaherero n'aba Nama.

Abahinga mu vya kahise baratunga urutoke ku gashinyaguro k'Ubudagi ku kuntu gushika ubu bwanka gutanga indishi, mu gihe imbere y'iri honyabwoko, bwobwo bwatse ico bwita indishi ku banyagihugu b'aba-Ovaherero n'aba-Nama barwanije aba bakoloni.

Iyi ndishi yarishwe mu buryo bw'ibitungwa ikaba yashitse ku nka 12.000 - umuhinga mu vya kahise w'Umunyamerika yamuka mu Budagi, Thomas Craemer, akagereranya ko iri hagati y'imiriyoni 1.2 na 8.8 z'amadorari y'Abanyamerika mu mafaranga y'ubu, akavuga kandi ko ibi vyose vyoharurwa mu ndishi y'akababaro yotangwa.

Ubwo busahuzi n'intambara vy'abakoloni vyakurikiwe n'iri honyabwoko ryatanguye mu 1904 kw'itegeko ryo gutikiza abantu ryatanzwe n'umutegetsi w'Umudagi yari azwi kw'izina rya Lothar von Trotha.

"Iri tegeko ryo gutikiza abantu ryasigura ko ata muntu n'umwe yari agifatwa ngo apfungwe – abagore, abagabo, umuntu uwo ari we wese yari afise canke adafise inka – bategerezwa kwicwa", nk'uko umuhinga mu vya kahise Martha Akawa-Shikufa yabibwiye ikinyamakuru c'igihugu NBC.

Avuga kandi ko ibi vyakurikiwe n'ishingwa ry'amakambi y'itunatuniro.

"Abantu barakoreshwa gushika aho bapfa, abantu benshi barapfiriye muri ayo makambi y'itunatuniro kubera uburuhe. Mu bisanzwe hari hasanzwe harateguwe impapuro zemeza ko umuntu yapfuye, [zavuga ngo] 'urupfu ruturutse ku buruhe', zari zirindiriye ko abo bantu bapfa, kuko bari bazi ko uburuhiro bategerezwa gupfa".

Ibisigarira vya bamwe muri aba bicwa vyaca birungikwa mu Budagi kugira ngo bikoreshwe muri ubu bushakashatsi bwaciwe, mu kwerekana ko abazungu b'Abanyaburaya basumba abandi. Menshi mu magufa yabo ubu aza yaratahukanywe.

Mu mwaka uheze, Namibia yaraneguye Ubudagi inyuma y'aho bwemereye gufasha Israel kugira ngo ntirenguke imbere ya sentare ya ONU kwisigura ku vyaha vy'ihonyabwoko yagirizwa muri Gaza.

Uwari umukuru w'ico gihugu ico gihe, Hage Geingob, yagize ati: "Reta y'Ubudagi ntirishura kw'ihonyabwoko yakoze ku butaka bwa Namibia".

Samantha Granville yaterereye muri iyi nkuru