Abicwa n'inzara ni ibijuju -umushikiranganji wa Uganda

Henry Okello Oryem, umushikiranganji wa Uganda ajejwe imigenderanire, ariko aravugisha abamenyeshamakuru i Kampala ku wa 17 Gitugutu, 2012.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abihweza ibintu bavuga ko uwo mushikiraganji adatahura imvyo zituma hari ikibazo c'ivyo kurya muri Uganda

Umushikiranganji wo muri reta ya Uganda yaneguwe cane inyuma yo kuvuga ko abantu bishwe n'inzara muri ico gihugu ari ''ibijuju''.

Abatari bake bavuze ko ivyavuzwe na Henry Okello Oryem vyerekana ko ata mutima wo kubabazwa n'abandi afise.

Mu 2022, abantu barenga 2.200 barishwe n'inzara n'indwara ziyiturutseko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Uganda, nk'uko biri mu cegeranyo n'urwego rw'igihugu rujejwe uburenganzira bwa zina muntu.

Ariko ku bwa Oryem, kubera muri Uganda hari ikirere ciza hakaba n'isi imera abantu bategerezwa kwirimira ivyo barya.

'Ikijuju conyene, ikijuju ruhebwa, nico gishobora kwicwa n'inzara muri Uganda,'' niko uwo mushikiranganji wa reta ajejwe imigenderanire yabwiye imboneshakure NTV yo muri ico gihugu.

''Ukora cane, hari isi muri Uganda. Ikirere kimeze neza n'ubwo hari ihindagurika, wongereje inguvu ukazinduka mu gitondo, ukarima itongo ryawe, ugatera, ugakorera umurima wawe, vy'ukuri, woheza ukabura ivyo urya gute? ''

Uretse abapfuye, ubwo bukene bw'ivyo kurya mu buraruko bushira ubuseruko bwasize abantu barenga ibihumbi amajana atanu ''bugarijwe n'inzara'', nk'uko biri mu cegeranyo c'umugwi wa Uganda ujejwe uburenganzira bwa zina muntu, washizweho n'ibwirizwa shingiro.

Ayo majambo y'umushikiranganji yarakaje abantu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Moses Aleper, umushingamateka wa Chekwi, kimwe mu bice vy'intara ya Karamoja yakozweko n'ako kaga, yabwiye BBC ko ko ibivugwa na Oryem ''atari vyo'' kandi ko ''bibabaje kuba vyavuzwe n'umushikiranganji azi ibiba mu gihugu ciwe''.

''Jewe mva mu gice ca Karamoja hagwa imvura neza kandi turimbura ivyo kurya neza. Ariko iyo bishitse ijuru rikaduhinduka, ico gihe ntavyo kurya twimbura. Birumvikana ko ico gihe haba amapfa n'inzara.''

Aleper avuga kandi ko amapfa muri iyo ntara rimwe na rimwe aterwa ''n'ibindi bibazo abantu badafiseko ububasha'', nk'ingene ikirere kija kirahindagurika.

Umunya-Uganda w'umwanditsi akaba n'umumenyeshamakuru rurangiranwa Charles Onyango-Obbo nawe yaneguye Oryem, avuga ko uwo mushikirangannji yananiwe no gutahura ko ''inzara mu gihugu nka Uganda ari ikibazo c'isoko n'ingene ibintu bisabikanwa''.

Nta biharuro bihari vy'ingene ikibazo c'indya cifashe muri Karamoja muri iki gihe, ariko akenshi iyo ntara irabamwo inzara mu gihe c'ici [c'izuba] kubera iyo isanzwe itagwamwo imvura nyinshi.