'Cristiano Ronaldo ntagurishwa' - Erik ten Hag

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag avuga ko umukinyi w'imbere wa Portugal Cristiano Ronaldo ari "mu mugambi wabo" mu mwaka ugira utangure ko rero "atagurishwa".
Uwo mukinyi w'imyaka 37 ntazokina inkino z'igice ca mbere zibaziriza ihiganwa zizobera muri Thailand kandi yashaka kuva muri uwo mugwi.
Yari yagarutse muri United mu mwaka uheze inyuma yo gukinira Real Madrid na Juventus.
Uwo yahoze amenyereza Ajax, Ten Hag agira ati:"Ntari kumwe nacu kubera imvo bwite ziwe. Tumufiseko umugambi muri uyu mwaka. Ni ko biri."
"Mfise igishika co gukorana na we. Cristiano si uwo kugurisha. Ari mu mugambi wacu. Dushaka amahirwe turi kumwe."
Isiba ry'uwo munye Portugal muri urwo rugendo ryatumye haba ibihuha kuri kazoza kiwe, inyuma kandi yo kutagaragara mu myimenyerezo y'uwo mugwi yo kwitegurira ihiganwa ryimirije i Carrington.
Ahubwo Ronaldo yagize imyimenyerezo n'umugwi nserukiragihu wa Portugal aho basanzwe bimenyerereza.
Manchester United izotana mu mitwe na Liverpool muri Thailand ku musi wa kabiri imbere yo kwurira indege baja muri Australia, Ten Hag akavuga ko ataramenya nimba Ronaldo azobasangayo mu nyuma.
Uwo mumenyereza w'umudagi yongeyeko ko yavuganye na Ronaldo imbere y'urwo rugendo, asigura:"Twayaze neza. Ivyo biri hagati yanje na Ronaldo, ico nokwemeza n'uko twagiraniye ibiganiro vyiza cane."
Ten Hag yagize kandi ico acuga kuvyerekeye uwoba kizigenza, cabaye ikibazo kuva mu mwaka uheze kubera Harry Maguire adahagaze neza.
Yagize ati: "Harry Maguire azoba kizigenza. Amaze umwaka urenga ari kizigenza. Amaze gushika kuri vyinshi. Nta nkeka mfise kuri ivyo."
Umukinyi wenyene United imaze kuzana muri iri ci n'umukinyi w'inyuma Tyrell Malacia yakuye mu mugwi wa Feyenoord. Biteze kunaza umukinyi w'inyuma Christian Eriksen ata n'urumeya bamutanzeko, bakaba kandi begereje kugiriranira amasezerano na Barcelone ku mukinyi Frenkie de Jong.
Ten Hag yacishijemwo avuga ko United izozana abakinyi mu gihe ibonye ko bahuje uko bakina.
Yongeyeko ati:"Dushaka kwongeramwo abakinyi babikwiye. Dufise umugwi mwiza cane, turiko turakora mu guteza imbere uburyo dukina, kandi akaryo karahari tuzotsinda."










