Umukuru w'igisata c'amagara muri Africa yaneguye Amerika ku kwirinda ingendo kubera Murburg

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Makuochi Okafor
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Africa ku makuru y'amagara
Impanuro ya reta ya Amerika yo kwirinda ingendo zidakenewe cane mu Rwanda kubera ikiza c'umugera wa Marburg ''ntibereye'', vyavuzwe n'umukuru w'igisata c'amagara muri Afrika Muganga Jean Kaseya.
Uwo mukuru w'ikigo ca Afrika co kugenzura no gukinga indwara Africa Centres for Disease Control and Prevention (Africa CDC) yongeyeko ko ''ivyo atarivyo Urwanda rukwiye [gukorerwa''.
Mu mayinga atarenga abiri, Urwanda rwamenye abantu 13 bishwe n'iyo ndwara, naho abagera kuri 30 bariko baravurwa mu gihe abayikize ari 15. nk'uko biri mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'ico gihugu bujejwe amagara y'abantu.
Muganga Kaseya avuga ko "twiteze kubona Urwanda ruva muri iki kiza vuba".
N'aho biri uko abari ku rugamba bwo kurwanya ingaruka zaco bafise umutima uhagaze.
“Uravuga uti 'uyu ni mugenzi wanjye' [upfuye], nk’ubu hari abo dukorana barwaye.Uhita ugira ubwoba ni cyo cya mbere, umera nk’umuntu ufite ‘stress’ uvuga uti 'nanjye ni ejo nta wamenya”, bivugwa na Maria, siryo zina ryiwe ry'ukuri, umuforomakazi wo mu gisata c'indembe mu bitaro bimwe vyo ku murwa mukuru w'Urwanda, Kigali.
Maria w'imyaka 46 akaba n'umuvyeyi yavuganye na BBC ariko yemeye ko umwidondodoro wiwe utazomenyekana kuko yari afise ubwoba ko amenyekanye yoca akurwa mu kazi.
Yabwiye BBC ko benshi mubo bakorana barwaye bariko baravurwa aho bashizwe ukwa bonyene, kandi ko abarenga umwe bapfuye kubera kuvura iyo ndwara. Ati: “Iyo ubonye abantu muri mu mwuga umwe bapfa nawe ugira ubwoba”.
Bigereranywa ko muri rusangi umwe mu bantu babiri baba bafashwe na Marburg bapfa, ku bw'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS/WHO. Uwo mugera uba mu buhungarema (ubucurama), ukandukira uva ku muntu uja ku wundi biciye ku gukora ku matembabuzi y'umubiri nk'icuya, amasobe (umukoyo) n'amaraso.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe gushika ubu ata ncanco za Marburg ziremezwa, Urwanda rwatanguye kugerageza urwo rwahawe na Sabin Institute, ishirahamwe ryo muri Amerika ridakorera inyungu z'amafaranga.
Rumaze guha incanco abantu 200, rushira imbere abakora kwa muganga n'abahuye n'abarwaye, hakaba hari imigambi yo kubandanya kuzitanga uko zizoja ziraboneka.
Africa CDC yatanze ibikoresho vyo gupima Marburg 5.000 ku Rwanda n'ibihugu bibanyi kugira bakomeze igikorwa co gucungera ku mbibe.
Maria nta rucanco araronka ariko afise ishaka ryo kubandanya akora.
''Ndu umuforomokazi, ndi imbere ku rugamba, ni ngombwa tururwane, ariko ubwoba buhoraho'', niko avuga.
Amakenga ko uwo mugera ukwiragira i Buraya yatumye abategetsi mu Budagi bugara igice c'igituro ca Hambur mu minsi mike iheze, inyuma y'aho umunyeshure yiga ivy'ubuganga n'umugenzi wiwe barwariye baheruka mu Rwanda. Mu nyuma ariko bompi nta mugera wa Marburg babasanzemwo.
Ikigo ca Amerika kirwanya kikanakinga indwara casohoye itangazo ryaco rigira kabiri ryo ku rugero rwa mbere rwo hejuru ku bijanye n'ingendo mu Rwanda, aho kigira inama abantu kwirinda ingendo zidakenewe cane mu Rwanda kubera ico kiza.
Ibihugu bibanyi vy'Urwanda, Tanzania, Uganda, na RC Congo, vyose bimaze kugira abarwayi ba Murburg muri kahise, vyose vyarongereje ugucungera ku mbibe kugira vyirinde ikwirakwira.
Uburundi bwo bwafashe intambwe irenze aho gato, mu gushiraho ikigo co kuvura vyihuta no gushiramwo ukwa bonyene abofatwa mu kwitegurira guhangana n'icaduka c'iyo ndwara.
Africa CDC yavuze ko iriko irongerereza ubumenyi abakozi bo kwa mkuganga kugira bashobore guhangana n'icaduka ca Murburg neza kuruta uko bavyifatamwo ubu.
Abategetsi b'Urwanda barafashe ingingo zo kutarenza abantu 50 bitaba amaziko y'uwishwe na Murburg mu ntumbero yo kuzibira ikwirakira ry'ico kiza.
Vyongeye, hari urupapuro ingenzi yose isabwa kwuzuza hakaba n'umuti wo gukaraba aho ingenzi zihagurukira, hakongera hagasuzumwa ubushuhe ku binjiira n'abasokoka igihugu.
Abategetsi b'Urwanda bavuga ko kumenya hakiri kare ko ari indwara ya Marburg vyagoranye kuko mu ntango yerekana ibimenyetso bisa n'ivya malaria nayo isanzwe ari nyinshi muri ako karere.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu Sabin Nsanzimana avuga ko biyubara cane ari naco gituma hasuzumwa abantu benshi bashoboka muri abo bo bose baba bafise ubushushe bwinshi, kumeneka umutwe, kudahwa, no kubabara mu mitsi. Ukuja gusuhuza (kuraba uwurwaye) vyarahagaritswe mu mavuriro yose aho abakozi bo kwa muganga batowe ko banduye uwo mugera.
Umugera wa Marburg wegeranye cane n'uwa Ebola, wishe abantu barenga 11.000 muri Afrika y'uburengero kuva mu 2014-2016, ku bwa OMS/WHO.
Rufatiye ku makuru ajanye n'ico caduka, Urwanda, rufatanije na OMS na Africa CDC, ruvuga ko ruriko rurakora vuba mu gushinga ingingo zikomeye z'isuku, guhamagarira abantu kumenya ibijanye n'iyo ndwara, guha abakozi bo kwa muganga imyambaro yo kubakingira, no gushira ukwa bonyene abo biba vyemejwe ko banduye.
Urwanda rwarahawe na Gilead Science uducupa 5.100 twa remdesivir, umuti wo kurwanya imigera wakoreshejwe mu kurwanya Ebola muri kahise, kugira ufashe mu kurwanya Marburg.
Mu gihe incanco zo kugerageza zibandanya gutangwa, umuforomakazi wa kabiri yavuganye na BBC nawe ntararuronka.
'' Nizera ko ibintu bigiye kugenda neza vuba...inkingo zimwe zarahageze, ibi ni byo biduha icyizere'' niko yavuze.










