Bayern Munich yahagaritse kwamamaza Visit Rwanda

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umurwi w'umupira w'amaguru Bayern Munich wo mu Budagi uvuga ko utazosubira kwamamariza igisata c'ingenzi c'Urwanda, nk'uko biri mw'itangazo ry'uno murwi.
Bayern Munich ivuga ko umwumvikano mushasha uzokwibanda ku gufasha mu guteza imbere abafise impano mu gihugu.
Iri tangazo ntirivuga imvo yatumye uno murwi ufata iki cemezo ariko bimwe mu binyamakuru vyo mu Budagi bivuga ko iyi ngingo yatumwe n'ukungene Urwanda runegurwa ku bijanye n'agateka ka zina muntu, harimwo uruhara rwarwo mu ntambara yo mu gihugu kibanyi ca Congo.
Igisirikare c'Urwanda kiratumwa urutoke ko ari co gifatiye umuriro inyeshamba z'umurwi M23 zimaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo n'imigwa mikuru yazo Goma na Bukavu.
Kigali ibandanya ihakana ivyo yagirizwa, ikavuga ahubwo ko yoyo ifata ingingo zo gukingira imbibe zayo kubera iyo ntambara nyene.
Kuva mu myaka iheze, Urwanda rusanzwe rufitaniye amasezerano n'imirwi ikomakomeye y'umupira w'amaguru i Bulaya afise intumbero yo kwamamaza igisata carwo c'ingenzi, biciye mu kugaragaza icivugo Visit Rwanda myambaro y'abakinyi, hamwe no mu bikorwa vyayo bitandukanye.
Imirwi ya Arsenal FC yo mu Bwongereza, Paris Saint-Germain (PSG) yo mu Bufaransa hamwe na FC Bayern Munich yo mu Budagi imaze imyaka ifitaniye aya masezerano n'Urwanda, kuva mu kwa kane uno mwaka hakaba hiyongeyeko Atlético de Madrid yo muri muri Espagne.
Hagati aho, muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo yarandikiye imirwi ya Arsenal FC, Paris Saint-Germain na FC Bayern Munich iyisaba guhagarika amasezerano "ariko amaraso" yo kwamamaza bafitaniye na 'Visit Rwanda', inyuma y'aho ingabo z'ico gihugu ziri kumwe na M23 zigaruriye uturere two mu buseruko bwa Congo.
Umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire, Therese Kayikwamba Wagner, yarandikiye ino mirwi anegura ayo masezerano yo kwamamaza, mu gihe Urwanda rwavugwa mu ntambara yo mu buseruko bwa Congo.
Hagati aho, nticabujije ko imirwi ya Paris Saint-Germain na Arsenal igiriranira ayandi masezerano yo kubandanya yamamaza Urwanda.
Mu masezerano ya mbere Bayern Munich ifitaniye n'Urwanda, harimwo ukwamamaza icivugo ca "Visit Rwanda" mu kibuga, igikorwa catuma uno murwi uronka amamiriyoni y'amadorari ku mwaka.
Ariko muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, wa 2025, abafana barakoze imyiyerekano mu gushira hejuru icapa ciyamiriza aya masezerano kubera Urwanda rwagirizwa gushigikira umuhari w'inyeshamba watumye abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi bata izabo mu buseruko bwa Congo.
Amasezerano Bayern Munich yari ifise yo gukorana na Qatar na yo nyene yariyamirijwe kubera impungenge ku bijanye n'agateka ka zina muntu.
Mu ntango z'ino ndwi uno murwi waragiriraniye amasezerano n'ikompanyi y'indege "Emirates". Mu gihe Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu zagirizwa cane ko zishigikiye uruhande rumwe mu ntambara rutikizabantu yo muri Sudani, aya masezerano na yo nyene akaboneka ko ashobora guteza impari.













