60 baguye mu bwato bwazamye muri Méditerranée bagiye kurondera ubuhungiro, bivugwa n'abarokotse

Ahavuye isanamu, SOS Méditerranée
Abantu nibura 60 bari mu rugendo rwo kuja kurondera ubuhungiro barapfuye igihe ubwato bupompwa (nk'umupira) bwazama mu kiyaga Méditerranée, nk'uko bivugwa n'abarokotse.
Abo barokotse 25 batabawe na Ocean Viking, ubwato bukoreshwa n'ishirahamwe ry'abagiraneza SOS Méditerranée.
Babwiye ababatabaye ko bari bahagarutse bava Zawiya ku nkengera za Libya iminsi indwi imbere y'uko batabarwa.
Imoteri y'ubwo bwato yaciye ipfa bamaze iminsi itatu bafashe urugendo, ubwato buca buguma bureremba abarimwo ata mazi canke ivyo kurya bafise.
Abarokotse bavuga ko abapfuye barimwo abagore hamwe nibura umwana umwe.
SOS Méditerranée bavuga ko abo mu bwato Ocean Viking babonye ubwo bwato bakoresheje rugagamisha yo kuraba kure (jumelles/binoculars) ku wa gatatu baca batunganya igikorwa co gutabara bafatanije n'ingabo z'Ubutaliano zicungera inkengera.
Bavuga ko abarokotse ''bagoyagoiya cane'' bose baca bitabwaho n'abaganga.
Babiri muri bo bari bataye ubwenge baremvye cane, baciye bajanwa i Sicile na kajugujugu kugira batabweho gusumba, nk'uko ababatabaye babivuga.
Ishami mpuzamakungu riraba abimukira (OIM, IOM), ryavuze ku ndwi iheze ko umwaka wa 2023 ari wo waguyemwo abantu benshi kurusha iyindi yose mu myaka 10 iheze kuva hatanguye gutororokanywa ibiharuro, hakaba hapfuye abantu batari munsi ya 8.565 bari mu nzira yo kuja kurondera ubuhungiro hirya bno hino kw'isi.
Iryo shami rya ONU rivuga ko urwo rugero rwiyongeye 20% ugereranije n'urwo mu mwaka w'imbere y'uwo.
Icegeranyo caryo gisanga inzira yo kujabuka Méditerranée ari yo n'ubu ibandanya kubangama kurusha izindi, aho nibura abantiu 3.129 bapfuye abandi bakaburwa irengero mu 2023 - igitigiri ca mbere kinini kuva mu 2017.










