Ubwa mbere kw'isi hatanguye urucanco rw'ikivunga rwa malaria muri Cameroun

Ahavuye isanamu, AFP
Umugambi wa mbere kw'isi wo gucandaga ikivunga mu gukingira indwara ya malaria watanguye muri Cameroun, mu gikorwa citezwe kurokora ubuzima bw'ibihumbi n'ibihumbi vy'abana muri Afrika.
Urucanco rwa mbere rw'ikimenyetso rwahawe ku wa mbere umwana w'umukobwa Daniella kw'ivuriro riri hafi ya Yaoundé .
Buri mwaka, abantu 600.000 baricwa na malaria muri Afrika , ku bw'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS.
Muri abo bantu bapfa, abana batarashikana imyaka itanu bangana na 80%.
Cameroun itanga urwo rucanco RTS, S ku buntu ku bana bose gushika ku myaka itandatu.
Umuntu akenera kuruhabwa incuro zine. Abategetsi bavuga ko urucanco ruzotangwa hamwe n'izindi ncanco zisanzwe zitangwa kugira abazifata biborohere.
Itanguzwa ry'urwo rucanco rikurikiye igeragezwa ryarwo ryagenze neza muri Kenya, Ghana na Malawi - aho urwo rucanco rwagabanuye abicwa na malaria ku rugero rwa 13% mu bana bafise imyaka yo kuruhabwa, nk'uko bivugwa na Unicef.
Urwo rucanco bizwi ko rukora neza ku rugero rwa 36%, ku bw'abashakashatsi bo muri Amerika, bisigura ko rushobora kurokora abarenga umwe kuri batatu.
Mu gihe ata nkeka hari abiruhutsa kubona urwo rucanco rutangujwe kandi rukazorokora ubuzima, kuba urugero rwarwo rwo gukora neza ruri hasi bisigura ko atari ''akabirya'', nk'uko bivugwa na Willis Akhwale wo mw'ishihamawe End Malaria Council Kenya.
Ariko ku baganga, n'ubundi buryo buje kwiyongera ku buhasanzwe mu kurwanya malaria hamwe n'imisegetera y'imibu n'ibinini vya malaria.
''Turafise ubushobozi bwo kugabanya cane igitigiri c'abapfa bishwe na malaria hanyuma twongereze umurindi wo kurandura burundu iyo ndwara,'' niko Muganga Shalom Ndoula, yafashije gutanguza urwo rucanco muri ico gihugu, yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC.
Gutunganya urwo rucanco RTS,S vyatwaye imyaka 30 y'ubushakashatsi ikigo co mu bwongereza gikora imiti GSK.
Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi, ryemeje urwo rucanco, ryashimye itanguzwa ryarwo muri Cameroun nk'igihe mbonekarimwe mu rugamba rw'isi rwo kurwanya iyi ndwara ikwiragizwa n'imibu.
'Nta ngorane rutera, rurakora kandi ni urw'ubuntu'
Ubwoba n'amakenga mu banya-Cameroun bamwe bamwe ku bijanye n'uko urwo rucanco ata ngorane rutera n'uko rukora vyatumye haba amakenga ku kugonanwa gufata urwo rucanco.
''Iyo abantu bavuze ko turiko turakoreshwa nk'abo kugerezako, ivyo si vyo,'' niko Wilfred Fon Mbacham, umwami w'umunya-Cameroun akaba n'umwigisha w'ubuhinga bujanye n'ubuvuzi yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC.
''Tebwe nk'abahinga dutegerezwa gukora cane kugira twerekane icari co urwo rucanco, hamwe n'ivyiza vyarwo, hanyuma tubamare ubwo bwoba.''
Umwe mu bategetsi bajejwe icandagwa Daniele Ekoto igihe hatanguzwa urwo rucanco yabwiye BBC ko ahumuriza abavyeyi ahejeje kuruha abana babo, abumvisha ko ari ''urucanco rudatera ingorane, rukora kandi rwa gusa''.
Ariko hari n'abandi ata makenga bafise ku kamaro karwo.
''Nafashe ingingo yo gucandagisha umwana wanje kugira ntarware malaria. Ni mbi cane kandi iyo ifashe umwana, ashobora gupfa,'' umwe mu bavyeyi niko yabwiye BBC kuri iryo vuriro nyene rya Soa, hafi ya Yaoundé, aho itanguzwa ryabereye ku wa mbere.
Mu 2021, 90% y'abafashwe na malaria kw'isi bari abo muri Afrika na 96% y'abapfuye.
''Narasenze hanyuma nguma ndindiriye uru rucanco'' niko Mbacham yabwiye BBC.
OMS ivuga ko muri Cameroun malaria ifata abantu bangana na miriyoni zitandatu ku mwaka, abapfa bangana n 4.000 mu mavuriro - benshi baka ari abana batarashikana imyaka itanu.
Ibindi bihugu 20 bifise umugambi wo gutanguza urwo rucanco uyu mwaka, nk'uko bivugwa n'urunani mpuzamakungu rw'urucanco, Gavi. muri ivyo harimwo Burkina Faso, Liberia, Niger na Sierra Leone.
Urwo rucanco ruja ruriko ruraronderwa cane, ariko hari incanco zitarenga miriyoni 18 zishobora kuboneka imbere ya 2025, nk'uko Gavi ivuga.
Ntizikwiye izikenewe n'ibihugu urwo runani rwasabiye ko vyotangurirwako.
Ariko itanguzwa ry'urundi rucanco rwa kabiri - R21- rwatunganijwe na kaminuza ya Oxford, ryitezwe kwongereza biboneka igigiri c'izizoboneka ngo zikoreshwe.
Urwo ruzohingurwa n'ikigo co mu Buhindi Serum Institute of India, gifise ihangiro ryo gukora incanco miriyoni 100 ku mwaka, hamwe rwohabwa na OMS impusha zose zikenewe.
Iyi nkuru yongerejwe na Anne Soy










