Heparin, umuti usanzwe uvura kuvuba kw'amaraso urashobora kunesha ubumara bw'inzoka ya cobra

Cobra icira yo muri Mozambique

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inzoka ya cobra iriko iracira ubumara. Iyi nzoka ifise ubumara bukaze bushobora duturira urukoba vuba cane, inyama n'amagufa biherereye aho yagukomoye
    • Umwanditsi, Dominic Hughes
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'ivy'amagara, BBC News

Umuti usanzwe ukoreshwa mu kuvura kuvuba kw'amaraso urashobora no gukoreshwa nk'uburyo butazimvye bwo kugombora ubumara bwa cobra, nk'uko umugwi w'abahinga bo muri Australia, Canada, Costa Rica no mu Bwongereza babitahuye.

Gukomorwa n'inzoka bihitana abantu 138.000 ku mwaka, benshi bakaba ari abatuye mu bice bikenye canke bibayabaye vyo mu bihugu vyo muri Afrika, ubumanuko hamwe n'ubumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya.

Abarenga 400,000 bakorwako n'ukwononekara kwa cane kwa zimwe mu ngingo z'umubiri, igihe uturemangingo tw'igice umuntu yakomoweko dupfa tugahinduka umukara.

Inzoka z'ubwoko bwa cobra nizo zikomora abantu benshi kurusha izindi muri Afrika no mu Buhindi. Kandi umuti wa Heparin urashobora kuvura ukwo kwononera kw'uturemangingo guterwa n'ubumara bwa cobra zimwe zicira.

Uwo muti ntukora ku bumara bw'inzoka zose - ariko abahinga bavuga yuko bishobora kuzimbuka kandi bikoroha kurusha iyindi miti ivura gukomorwa, usanga myinshi ikora gusa ku bwoko bumwe bw'ubumara kandi ntibuze kwononera kw'uturemangingo turi ahakomowe.

Mu gihe uwo muti umaze kugeragezwa ku mbeba, ikizokurikira n'ukugerageza ku bantu.

'Urugamba rw'isi yose'

Uwarongoye icigwa cakozwe, Prof Greg Neely, wo kuri Kaminuza ya Sydney yagize ati: "Ibi twatoye birashobora kugabanya ku rugero runini cane ibikomere biterwa no gukomorwa n'inzoka - birashobora kandi kugabanya umurindi w'ubumara, bigatuma amahirwe yo kurusimba yiyongera.

"Ubumara bw'inzoka n'ibindi nk'uburozi vyose bikenera ugukorana hagati y'aho ubumara bwavuye, umuntu yakomowe canke yarozwe; rero akazi kacu kari ako kumenya ikintu, mu bantu, civanga n'ubumara bikavyara ukwononekara kw'uturemanginga canke urupfu.

"Ico turiko turabona iyo dufashe ubumara buvuye mu nzoka zitandukanye, ni uko hari ubudasa buke mu kuntu ubwo bumara bwitwara mu turemangingo tw'umuntu.

"Kimwe mu bintu bihimbaye ku ruhande rw'ubumenyi ni uko twibaza ko dushobora kumenya uburyo bune canke butanu ubumara muri rusange buhwana n'uturemangingo - ico gihe turashobora gukora imiti rusangi ishobora kuvura gukomorwa kw'ubwoko bwinshi bw'inzoka.

"Turizeye y'uko umuti mushasha uvura gukomorwa na cobra twatoye uzofasha mu rugamba rwo ku rwego rw'isi rwo kurinda impfu hamwe n'ibikomere biva ku gukomorwa n'inzoka mu bibano vyo mu bihugu bikenye kw'isi."

'Kumugara ubuzima bwose'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwarongoye igikorwa co gusohora ivyavuye muri ubu bushakashatsi, umunyeshure wo ku rwego rwa PhD, Tian Du, nawe wo kuri Kaminuza y'i Sydney, yavuze ko ari intambwe nini itewe.

Ati: "Heparin urazimbutse, uboneka hose, kandi ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, ryawushize ku rutonde rw'imiti nkenerwa.

"Niwamara kugeragezwa ku bantu bikagenda neza, urashobora gutangwa vuba cane ukaba umuti uzimbutse, utekanye kandi ukora neza mu kuvura gukomorwa na cobra."

Uwundi muhinga ari mu bakoze ubwo bushakashatsi, Prof Nicholas Casewell, umukuru w'ishami rya Centre for Snakebite Research and Interventions, kw'ishure rya Liverpool School of Tropical Medicine, yagize ati: "Gukomorwa n'inzoka kiracari ikintu gihitana abantu benshi mu ndwara zititaweho cane zo mu turere dushushe tw'isi.

"Kandi benshi mu bakorwako n'ico kibazo ni abantu baba mu vyaro mu bihugu bikenye canke bifise ubutunzi bubayabaye.

"Ivyo twashitseko birahimbaye kuko imiti ivura gukomorwa isanzwe ihari ntaco ikora ku gukomorwa kuvuye ku bwoko bwinshi bw'inzoka, aho usanga umubiri w'umuntu ugenda uravyimbagata mu bubabare bwinshi, amashira hamwe na/canke kwononekara kw'uturemangingo mu kibanza cakomowe.

"Ivyo birashobora gutuma hari ibihimba vy'umubiri bihagarara gukora, bigacibwa hagakurikira ubumuga bw'ubuzima bwose."