Ni ikihe kimenyetso cerekana ko inzoka ishaka kukurya?

Inzoka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ukuryana kw'inzoka kwiyongera cane mu gihe c'imbeho, na cane cane hagati mu gihugu. Uriwe n'inzoka ushobora no gupfa mu gihe utavuwe vyihuta.

Umuhinga mu bijanye n'inzoka avuga ko zikunda kuryana mu gihe c'imvura kuko ziba ziriko ziraberagura amagi ukongerako no mu gihe c'irima.

Ariko umuntu arashobora kurokora ubuzima mu gihe avuwe ubwo nyene adatakaje n'umunota n'umwe.

Nk'uko bivugwa n'abahinga b'inzoka, kuribwa n'inzoka birashobora kwirindwa mu gufata ingingo zisanzwe. Mu gihe abantu botahura neza inyifato z'inzoka, hoshobora kwirindwa ibigeramira abantu n'izo nzoka.

Ni ryari inzoka iryana?

Inzoka

Karmsheel Dharmendra Trivedi, w'i Gandhinagar mu Buhinde, akunda inzoka cane amaze imyaka 38 akora akazi ko gukingira inzoka abantu baza kwubaka aho ziri, no kwigisha abantu ku bijanye na zo, agira ati: "Ntibikenewe ko dutinya inzoka kuko inzoka ziradutinya (abantu). Ikindi na co, gufata ingamba zo kwiyubara no kwongereza ubumenyi bw'inyifato z'inzoka, na vyo bishobora gufasha kwirinda ko ziturya."

Yongerako ati: "Ubumara ni ikigwanisho inzoka ikoresha mu guhiga, ikoresha mu kwica ico ishaka kurya. Rero ubumara bw'inzoka buzifitiye akamaro kandi ubwo zikoresha si bwinshi. Zirya abantu mu gihe zibuze uko zigira kugira zihunge. Ntukinishe inzoka, mu gihe itaguteye ubwoba, iraca ku birenge vyawe ikarengana.

"Twihweje neza igihe abantu baribwa n'inzoka, turazi ko igihe c'imbeho ari igihe inzoka zikinga imbeho, aho ziguma zisinziriye. Hanyuma ziza kunyeguruka mu ci, akaba ari na ho zima zigata amagi."

Dharmendra Trived avuga kandi ati: "Mu gihe c'imbeho, amagi araberagurwa hakavamwo utwana tw'inzoka. Igihe c'imbeho n'umwanya inzoka n'abana bazo zitegurira kunyegera gose uko imbeho yongerekana. Hanyuma muri ico gihe nyene, ibikere, imbeba, imiserebanyi,... udukoko duto duto n'ibindi bikoko inzoka zirya biboneka vyoroshe, ku buryo inzoka zibisanga mu mazu no mu micungararo yazo.

Avuga ku nyifato y'inzoka, umuhinga mu kwiga ibikoko bigenda vyikwega (herpétologue) Vivek Sharma aba i Jabalpur agira ati: "Abaribwa n'inzoka baboneka cane hagati mu gihugu. Uvyihweje neza, urabona ko inzoka zikunze kurira abantu ahantu hatabona mu nzu canke hari umuco muke, nko mu gikoni canke aho abantu barara.

Ikindi kandi, ibibanza inzoka zikuramwo ivyo zirya nko mu nzu n'aho bata umwavu, bikunze kubamwo imiserebanyi, ibikere n'imbeba.

Kuribwa n'inzoka rero kandi bikunze gushika aho ziba zatekeranywe n'ubwatsi.

Mu nyuma yagize ati: "Ni gake ushobora kubona inzoka ica mu cumba c'inzu. Inzoka zishima kuba mu bibanza vy'umwiza canke birimwo umuco muke. Ni ho ziza kwinyegeza."

Inzoka ziragabisha imbere yo kuryana

Russell's Viper

Ahavuye isanamu, Getty Images

Dharmendra Trivedi avuga ati: "Zimwe mu nzoka ziragabisha iyo zishaka kukurya. Iyo zerekanye amenyo yazo zisohora ijwi rivuga "psi" , zihindukiye, umubiri uritsitanako. Mu gihe uzi ibi bimenyetso bitatu, ushobora guca ugaba. Ariko inzoka yirabura yitwa Blackbirds ntigabisha mu kukurya.

"Inzoka zisanzwe zirashobora kuryana igihe cose, haba ku murango canke mw'ijoro."

Dharmendra arasigura kandi ati: "Amenyo y'inzoka ameze nk'inshinge. Ubumara bw'inzoka bwinjira mu mubiri ku buryo butatu - mu mitsi, mu nyama canke hagati y'urukoba n'inyama.

"Igihe cose inzoka iriye umuntu, utarinze kurindira n'umunota, iruka ku bitaro canke ku muganga abifisemwo ubuhinga kugira uvurwe. Ntiwiruke uja mu mashengero canke mu bindi bintazi vyo kugukiza ubumara bw'inzoka. Nta co bishikako."

Ni izihe ngaruka z'ubumara k'uwariwe n'inzoka?

HEMANG DOSHI

Ahavuye isanamu, HEMANG DOSHI

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hemang Doshi - amaze igihe kirekire avura abariwe n'inzoka avuga ati: "Ubumara bwa Cobra n'inzoka yirabura burabangamira cane udutsi nsozabwenge (nerfs) mu gihe ubundi bw'izindi nzoka bugeramira amaraso.

Ubumara bubangamira udutsi nsozabwenge butuma haba ibimenyetso nko kudadarara (Paralysie) n'ingorane yo guhema. Mu gihe ubumara bwinjiye mw'izunguruka ry'amaraso, bisigura ko bwicanze n'amaraso bugatuma imitsi iturikira mu mubiri."

"Inzoka ikuriye, utangura guca ubona ibimenyetso hagati y'iminota 10-15. Hagati y'iminota 30-45 ubumara buba buriko burakugeramira cane. Mu gihe wariwe n'inzoka yirabura, ubumara bwayo bwiyerekana hagati y'isaha imwe na zibiri - ubwo bumara bukaza kukubangamira cane hagati y'isaha zine na zitandatu."

Mwenewabo na Vipul Sagal Koli, yapfuye azize kuribwa n'inzoka avuga ati: "Mwenewacu yariwe n'inzoka hagati ya sasita na sasita n'inusu (12 -12:30) z'umutaga. Tubimenya inyuma y'isaha yose. Atanguye kubura impwemu, twaciye tumujana kwa muganga.

''Vyadutwaye hagati y'amasaha abiri n'igice n'atatu n'igice kugira tumushikane ku bitaro. Kubera uwo mwanya munini, muganga ntiyashoboye kumurokora kuko umwanya wari wamaze kurenga."

Mu gihe uriwe n'inzoka, ni ikihe kintu wokora? Ni ikihe utokora?

DHARMENDRA TRIVEDI

Ahavuye isanamu, DHARMENDRA TRIVEDI

Hakwivuza ubumara bw'inzoka, abantu baba mu bibanza bigeramirwa cane - bategerezwa kugira inyifato yoroshe yo kwirinda kuribwa n'inzoka.

Abantu barara hanze canke mu mazu yo hagati mu gihugu, bategerezwa kwipfuka umusegetera. Umusegetera ntukinga gusa imibu, uranakinga kuribwa n'inzoka. Ubu ni bwo buryo bworoshe bwo kwirinda.

Imbere yo kwinjira mu nzu y'umwiza canke itabona neza, canke hanze, tora isitimu ugende uraba neza aho uhonyora. Genda uraba neza aho ushira ukuboko kwawe.

Igihe ugiye mu mirima, ambara ibirato vy'indimo birebire (bottes), kandi wumvise ikintu gikakaje mu vyatsi ntujane ukuboko utabanje kuraba neza. Kuribwa n'inzoka birashobora kwirindwa mu kwiyubara gusa.

Igihe inzoka ikuriye...

  • Oza neza aho inzoka ikuriye n'amazi arimwo isabuni
  • Gabanya uko amaraso atembera mu mubiri mu kubohesha igitambara mu kibanza cariwe n'inzoka.
  • Iruka ku bitaro canke ku muganga vyihuta

Ico utokora...

  • Kutaboha cane (Bishobora gutuma baca igihimba c'umubiri)
  • Kutinyiganyiza inzoka imaze kukurya (kuko ubumara bushobora gukwiragira vyihuta mu mubiri.)