Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CNL: Abashingamateka bashigikiye Rwasa basaba gukurirwako ibihano
Mu Burundi bamwe mu bashingamateka bo mu mugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi basavye ko ibihano vyafatiwe uwo mugambwe bigomba gukurwako kugira ngo ukore wisanzuye.
Ivyo babitangarije mu kiganiro bahaye abanyamakuru ku cicaro gikuru c’uwo mugambwe kiri ku Mutanga ku murwa mukuru w'ubudandaji wa Bujumbara.
Ariko ikiganiro cabanje gucerezwa n'igipolisi cari cabankiye kukiremesha, mu nyuma kiza kubarekurira.
Abo bashingamateka bashika ku 20, bashigikiye umukuru wa CNL, Agathon Rwasa, bavuga yuko bababajwe no kubona umushikiranganji w’intwaro yo hagati atabasubiza ku makete bamwandikira bamusaba kureka umugambwe wabo ukabandanya gukora.
Prudent Nsengiyumva yavuganye n'umwe muri bo, Pamphile Malayika, abanza kumusigurira ico bahamagariye abanyamakuru (umva ico kiganiro aho hejuru).
Twashatse kwumva ico umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi avuga kuri ivyo basaba, atubwira ko atarabona icegeranyo c'ivyabaye kugira ngo ashobore kugira ico avuze.