Umunyamakuru yitwariye umushingamateka muri Ghana yagenewe indishi ya miliyoni $18

Umuntu yambaye inkofero ifasheko akantu gateye bwa karido (rideau) k'ubudede bumufuka mu maso
Insiguro y'isanamu, Anas Aremeyaw Anas
    • Umwanditsi, Natasha Booty & Daniel Dadzie
    • Igikorwa, BBC News, London & Accra

Umunyamakuru akora inkuru zicukumbuye yatsindiye indishi ya miliyoni 18 z'amadorari ($18m, £14m) mu rubanza rwo gutyozwa n'umushingamateka wo muri Ghana, avuga ko n'ubwo yizeye kubona ayo mafranga, ikimushimisha kuruta ari ubutumwa iyo ntsinzi yiwe itanga.

Anas Aremeyaw Anas yatanguye kurega Kennedy Agyapong inyuma y'aho uyu mushingamateka amwise inkozi y'ikibi, igihe yari amaze gukora itohoza kuri ruswa yavugwa mu gisata c'umupira w'amaguru muri Ghana n'ahandi.

Yatanguye gushingisha urubanza muri Ghana nyene, aratsindwa, ariko rero arujana muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho Agyapong afise ubutunzi, atako aratsinda.

Anas yabwiye BBC ati: "Inyungu nyamukuru kuri jewe si amafranga, ariko ni akamaro ko gutera umwete abanyamakuru wo kwerekana ivyo abategetsi bakora, n'ubwo woba uri umunyapolitike ahambaye gute.

Sentare yumvise ko Agyapong, kimwe mu vyo yavuze mu kiganiro kuri podcast, yise uwo munyamakuru inkozi y'ikibi, amwagiriza ko ariwe yari inyuma y'urupfu rw'umumenyeshamakuru mugenzi we Ahmed Suale.

Anas yabwiye BBC ko akigandariye (akibabajwe n'urupfu rwa) Suale kandi, n'ubwo hari uwukekwa aherutse guhagarikwa, akeka ko hari n'abandi bafatanyacaha bacidegemvya.

Avuga ati : "Rimwe na rimwe hari igihe nja aho Ahmed yarasiwe, mba ngiye kwiherera ukwa jenyene ahatekanye. Ndicara ku mva yiwe.

"Bintera intege. Igihe Ahmed yari akiri muzima, umunsi umwe yambariye ngo: 'Boss, nashaka kukuremesha y'uko umunsi woramuka upfuye, nzobandanya igikorwa ciza watanguye'. Sinari nzi ahubwo ko bizoba igihushane (akaba ariwe abanza gupfa) ico gihe cose,.. nije nari ngeramiwe."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Anas yakomeje kwandika ivyo anegura ku butungane bwa Ghana, anabwira BBC ivyo yibaza kuri benshi mu bagize urwego rw'ubutungane, aho yavuga ko ataco bakora ahubwo wasanga bahengamira ku ruhande rwa bene kurenga amategeko.

Yafashe ingingo yo kuvuga iki kibazo n'uwo mushingamateka igihe yari muri Leta Zunze ubumwe za Amerika muri ntara ya New Jersey, aho yariko arabazwa mu kiganiro Daddy Fred Show podcast, nk'uko biri mu mpapuro z'urubanza yashingishije aciye ku bashingwamanza.

Intsinzi y'uwo munyamakuru mu ntango z'uku kwezi yatumye agenerwa miliyoni 18 z'amadorari ya Amerika, z'indishi y'akababaro, ingingo yahuriweko n'abari bashashe muri urwo rubanza bose uko bari 8, muri sentare nkuru ya Essex County mu ntara ya New Jersey, aho bavuze ko Agyapong yagirwa n'icaha co gutyoza.

Muri ayo mafaranga harimwo miliyoni munani z'amande yaciwe nk'igihano co kwihaniza.

"Ndanezerewe cane, nibaza ko ari inyishu y'ivyo namye ndiko ndahimiriza. Ibi bigera kure mu guha intege abanyamakuru bo muri Afrika bari ku mugabane aho bikenewe kuri twebwe kwihagararako. Ni ngombwa gukomera kugira dushobore kurinda", niko Anas abwira BBC.

Mu gihe rero ubu sentare yategetse Agyapong kuriha ayo mafranga, uyu munyamakuru avuga ko yizeye ko ayo mafaranga azotangwa kuko umugwi ufashanya n'abashingwamanza bamuserukiye wakoze ibikenewe mu guharura agaciro k'amazu n'ibikorwa vy'ubudandaji vy'uwo munshingamateka imbere yo gushingisha urubanza.

"Sinshobora kuvyemeza 100%, ariko ndazi ko umugwi wanje w'abashingwamanza hari ico wakoze kandi bafise integuro", niko avuga.

Anas avuga ko, n'ubwo yatsinze urubanza muri Amerika, vyari bikwiye kubera akarorero abatunze n'abahambaye, ko abanyamakuru bo muri Afrika bashoboye kandi bazobabaza ku bikorwa vyabo mu nzira yo gushira ahabona ivyo bakora, cane cane ibitagenda neza.

Agira ati: "Turafise ubushobozi bwo guhangana na mwe. Kandi twitonze, kandi ataco tunegurwa (nk'inyankamugayo), igihe cacu bitebe bitebuke kizogera".