Côte d'Ivoire - amatora: Bitari vyitezwe, Simone Gbagbo, yahoze ari muka perezida, yemerewe kwitoza gutwara igihugu

Uwahoze ari umukuru w'igihugu muri Cote d'Ivoire Simone Gbagbo, ariko aramwenyura, adugije ikiganza

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuba Simone Gbagbo yemerewe kwitoza bifise insiguro ikomeye muri poritike
    • Umwanditsi, Nicolas Negoce
    • Igikorwa, BBC News i Abidjan

Uwahoze ari umugore w'umukuru w'igihugu wa Côte d'Ivoire Simone Gbagbo, ubu afise imyaka 76, yatangaje benshi mu kugaragara mu buryo butari bwitezwe ku rutonde rw'abakandida bazohiganirwa intebe y'ubukuru bw'igihugu mu matora ategekanijwe mu kwezi kuza.

Azohiganwa n'umukuru w'igihugu ahari ubu Alassane Ouattara, w'imyaka 83. Ouattara yashitse ku butegetsi inyuma y'aho uwo mukenyezi n'uwahoze ari umugabo wiwe, Laurent Gbagbo, bafatiwe mu cumba co mu kuzimu (bunker) ku kirimba mu ndyane ico gihugu carimwo inyuma y'amatora yo muri 2010.

Ariko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu we yarankiwe kuja ku rutonde rw'abitoza ubu, co kimwe na Pascal Affi N'Guessan yahoze ari umushikiranganji wa mbere, na Tidjane Thiam yahoze arongoye ibanki Credit Suisse.

Ikumirwa ryabo ryatumye bamwe bagira amakenga ku matora ategekanijwe kw'igenekerezo rya 25 ukwezi kw'icumi, rikaba ryavyuye ubwoba ko hashobora kuba intureka.

Thiam, yankiwe kwitoza na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro bitewe n'uko yigeze kugira ubwenegihugu bw'Ubufaransa, yise iyo ngingo "igikorwa co gusambagura demokarasi".

Yagirije kandi intwaro ya Ouattara gutegura amatora y'amanyanga kugira yumire ku butegetsi.

Ouattara yashitse ku butegetsi muri 2011, inyuma y'ifatwa rya Gbagbo igihe uyu yari yanse kwemera ko yatsinzwe mu matora ya 2010.

Agishika ku butegetsi, Ouattara ntiyari yemerewe na gato kurenza ibiringo bibiri. Ariko muri 2016, ihinyanyurwa ry'ibwirizwa nshingiro ryamuhaye uburenganzira bwo gusubira kwitoza muri 2020, mu matora atitabwe n'abatavuga rumwe na reta.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ayo matora yayatsinze ku majwi menshi, n'ubwo abantu 85 baguye mu ntureka zayakurikiye. Mu nyuma, yatangaje mbere ko azokwitoreza ikiringo kigira kane.

Laurent Gbagbo yankiwe kwitoreza ubukuru bw'igihugu na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kubera urubanza yaciriwe muri 2018.

Yaciriwe urwo rubanza atari ho ari ku caha co gusahura banki nkuru mu ntureka za poritike zashegeshe Côte d'Ivoire inyuma y'amatora yo muri 2010.

N'ubwo yahawe ikigongwe c'umukuru w'igihugu muri 2020, ntivyamuhaye uburenganzira bwo gutora canke kwitoza.

Yarakurikiranyweko kandi ivyaha bikorewe zina muntu muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI), ariko mu nyuma yarejejwe.

Kuri Somone Gbagbo, kuba azokwitoza ntibifise insiguro muri politike gusa, ni n'ikimenyetso gikomeye mu gihugu abakenyezi basanzwe badaserukiwe bikwiye mu burongozi bw'igihugu.

Abakenyezi bari mu nama nkenguzamateka na nshingamateka ni 30 kw'ijana gusa. Kandi ni bake bamaze gushingwa amabanga akomeye muri reta.

Simone Gbagbo yigeze kuba atazirwa "La Dame de Fer" (umugore w'icuma), agiye kuba umukandida wa mbere w'umukenyezi akomeye ahiganirwa kurongora igihugu mu mateka ya Côte d'ivoire.

We na Henriette Lagou Adjoua yahoze ari umushikiranganji agaserukira urunani rwitwa CAP-CI, ni bo bagore sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemereye kwitoza.

Simone Gbagbo afise ubunararibonye bunini muri politike kandi yaranguye vyinshi muri poritike ya Côte d'Ivoire, aho yabaye n'umushingamateka, urugendo rwahavuye rusibanganywa n'uruhara yagize mu ntureka zakurikiye amatora yo muri 2010 zahitanye abantu barenga ibihumbi bitatu.

Ivyo vyatumye sentare muri Côte d'Ivoire imucira mu 2015 igihano co gupfungwa imyaka 20.

Inyuma y'imyaka itatu, umukuru w'igihugu Ouattara yahavuye amuha ikigongwe mu ntumbero yo gutsimbataza ukunywanisha.

Bitandukanye n'uko vyagendeye umugabo wiwe, ugucirirwa urubanza ntivyigeze bituma Simone akurwa ku rutonde rwo gutora no kwitoza.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) na yo nyene yari yaratanguye kumukurikirana muri 2012, ariko ivyo yamukurikiranako yahavuye ibiheba inyuma y'imyaka hafi icenda.

Kuva ico gihe, yagumye yubaka mw'ibanga, intambwe ku yindi, umushinge wiwe wa poritike, inyuma yo gutandukana na Front Populaire Ivoirien (FPI) – umugambwe we n'uwahoze ari umugabo wiwe Gbagbo bari bashingiye hamwe.

Icivugo c'ukwiyamamaza kwiwe ni akamo ko "kwubaka igihugu gishasha" muri "Afrika yigenga, yubashwe kandi iteye imbere"

"Kwemerwa kwitoza bishimangira iciyumviro c'uko abagore b'abanye Côte d'Ivoire bashobora kurondera kuja mu mabanga akomeye, ata kuraba kahise kabo, imyaka canke igitsina. Si umukandida gusa – ni ikimenyetso", ni ko Severin Yao Kouamés, umusesanguzi mu vya politike avuga.

Ntibizwi nimba Laurent Gbagbo, gushika ubu yankiwe kwitoza, azoshigikira uwahoze ari umugore wiwe.

Bompi bamaze imyaka irenga 30 bubakanye, basangira urugamba rwa poritike, ugupfungwa no gutwara. Bahukanye mu 2023.

Kwiyamamaza bizotangura icese kw'igenekerezo rya 10 Gitugutu.

Igihugu gifise abiyandikishije kugira bazotore bangana na miriyoni munani n'ibihumbi amajana indwi (8.700.000). Hari ubwoba ko ikumirwa rya bamwe mu bakandida rishobora gutuma abanyagihugu batakaza icizere n'imigumuko igasubira kwaduka.

Amaso yose azoguma ahanze Simone Gbagbo kugira yirabire nimba afise ubushobozi bwo gushikiriza imigambi no kuresha, ku rugero rwomushoboza kuba umukuru w'igihugu.