Burkina Faso: Ibindi binyamakuru mvamakungu vyakoze ku cegeranyo ca HRW ku bwicanyi bw’igisirikare vyugawe

Human Rights Watch ivuga ko ubu bwicanyi buvugwa ari bwo “bukozi bw’ikibi bwa mbere bubi bukozwe n’igisirikare” c’iki gihugu mu myaka hafi cumi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Human Rights Watch ivuga ko ubu bwicanyi buvugwa ari bwo “bukozi bw’ikibi bwa mbere bubi bukozwe n’igisirikare” c’iki gihugu mu myaka hafi cumi.
    • Umwanditsi, Na Wedaeli Chibelushi
    • Igikorwa, BBC News

Burkina Faso imaze guhagarika ibindi binyamakuru mvamakungu bitari bike inyuma y’aho bikoreye inkuru ku cegeranyo cagiriza igisirikare kwica abasivire 223.

Iki cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) rifise icicaro muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko ubu bwicanyi bwo muri Ruhuhuma (2) bwari ubwo kwihora ku banyagihugu bagirizwa gufasha inyeshamba ziyititira idini rya Islam.

Igisirikare c’iki gihugu co muri Afrika y’Uburengero kirahakana aya makuru.

Reta y’iki gihugu yari yamaze guhagarika ibinyamakuru BBC n’Ijwi rya Amerika kubera inkuru vyakoze kuri iki cegeranyo ca HRW.

Mw’itangazo rusangi, reta z’Ubwongereza na Amerika zariyamirije zivuye inyuma ihagarikwa ry’ibinyamakuru mvamakungu muri ico gihugu, zica zisaba reta kwisubirako.

Iri tangazo rivuga riti: "Ibinyamakuru vyigenga kandi bikora mu bwisanzure ni ngombwa ko vyemererwa gukora amatohoza no gutanga amakuru y’ukuri kandi bidatinya ingaruka”.

Burkina Faso irongowe n’akarwi ka gisirikare kafashe ubutegetsi gatembagaje intwaro yari ihari mu 2022, kakaba kari kiyemeje gutuza inyeshamba ziyitirira Islam.

Hagati aho, indyane zibandanya ziha inkumbi, mu gihe igice kirenga ica gatatu ca Burkina Faso kigenzurwa n’imihari yiyitirira Islam.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa Mungu, igisata ca Burkina Faso kijejwe kugenzura ivyo guhanahana amakuru catangaje ko ibiganiro vy’ikimenyeshamakuru co mu Bufaransa TV5Monde bihagaritswe mu kiringo c’indwi zibiri kandi ko n’urubuga ngurukanabumenyi rwaco rwugawe, nk’uko vyatangajwe n’ibinyamakuru vya reta.

Imbuga ngurukanabumenyi z’ibinyamakuru Deutsche Welle (DW) co mu Budagi, Le Monde na Ouest-France vyo mu Bufaransa, the Guardian co mu Bwongereza, APA na Ecofin vyo muri Afrika, nazo nyene zugawe gushika hafashwe iyindi ngingo.

Muri iki cegeranyo caryo, iri shirahamwe HRW rivuga ko igisirikare ca Burkina Faso cishe abantu 179 mu kigwati citwa Soro hamwe n’abandi 44 bo mu kindi kigwati kibanyi ca Nondin, mu buraruko bw’igihugu.

HRW ivuga ko ubu bwicanyi buvugwa ari bwo “bukozi bw’ikibi bwa mbere bubi bukozwe n’igisirikare” c’iki gihugu mu myaka hafi cumi.

Mw’itangazo yasohoye ku wa gatandatu, umushikiranganji wa Burkina Faso ajejwe ivyo guhanahana amakuru, Rimtalba Jean Emmanuel Ouedraogo, avuga ati: "Reta ya Burkina Faso iriyamirije yivuye inyuma ibirego nk’ibi bidafise ishingiro".

Uyu mushikiranganji avuga kandi ko atangazwa no kubona “mu gihe amatohoza akibandanya kugira ngo ukuri kuje ahabona hongere hamenyekane n’ababikoze, HRW yarashoboye kumenya, kandi idakekeranya, ‘ababikoze’ inaca urubanza”.

Ejo ku wa mbere, DW yasavye abategetsi ba Burkina Faso gusubira kwugurura urubuga ngurukanabumenyi bwayo “vuba bishoboka”.

"Kwugara dw.com n’ibindi binyamakuru muri Burkina Faso bisigura ko abanyagihugu bayo bimwe uburenganzira bwabo bukomeye bwo kuronswa amakuru yigenga”, nk’uko bivugwa na Nadja Scholz arongoye igisata kijejwe ibiganiro.

Abandanya agira ati: "Amakuru yacu muri no kuri Burkina Faso abandanya yerekana ukuri ku vyabaye kandi ataho yegamiye".

Amashirahamwe mpuzamakungu n’ayaharanira agateka ka zina muntu, harimwo Ubumwe bwa Bulaya na ONU, yagiriza Burkina Faso guhonyanga bikomeye agateka ka muntu mu rugamba rwayo rwo kurwanya inyeshamba ziyitirira Islam, harimwo ubwicanyi bw’ikivunga n’inyuruza ry’abasivire batari bake.

Abashigikiye igisirikare bari baherutse kunegura ibi binyamakuru kubona vyarakoze iyi nkuru kuri aya mabi avugwa, bakavuga ko ayo makuru afise intego yo guca intege ingabo za Burkina Faso.

Mw’itangazo ryasohowe ku wa kane w’indwi iheze, igisata ca Burkina Faso kijejwe kugenzura ibinyamakuru cagabishije ibinyamakuru vyose vyokora kuri iki cegeranyo ko bishobora gufatirwa ingingo, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya reta.

Avuga kuri iyi ngingo y’aba bategetsi ba Burkina Faso yo guhagarika ibiganiro vyayo, umuvugizi wa BBC avuga ati: "Iyi ngingo igabanya ubushobozi bwa BBC bwo gushikiriza abanywanyi bayo amakuru ataho yegamiye kandi y’ukuri. Tuzobandanya dushikiriza amakuru kuri ako karere ku nyungu z’abanyagihugu, ata bwoba kandi ata nkunzi".

Mu nkuru yo ku wa gatanu, iradiyo Ijwi rya Amerika (VOA) ivuga ko "izobandanya ishikiriza amakuru kuri Burkina Faso kandi ifise intego yo kubandanya ishikiriza amakuru ku bibera muri ico gihugu mu buryo bwuzuye kandi ataho yegamiye".