Abamenyeshamakuru bagirizwa gukwiragiza video ya prezida wa Sudani y'Epfo yiyononako barekuwe

President Salva Kiir

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Video yerekana prezida Salva Kiir ariko ariyonona yafashwe mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze

Babiri mu bamenyeshamakuru bane bari bapfunzwe mu kwezi kwa mbere inyuma ya video yagaragaye yerekana prezida wa Sudani y'Epfo yatotesheje ipataro mu birori vyo ku mugaragaro barekuwe.

Mw'itangazo, urunani rw'abamenyeshamakuru bo muri Sudani y'Epfo (UJOSS) ruvuga ko rwakiriye neza iryo rekurwa rya Victor Ladu na Mustapha Osman.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze, video yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekanye Kiir ariko ariyononako igihe hariko harasamirana ururirimbo rw'igihugu mu birori.

Mw'itangazo, urunani UJOSS rugira ruti:"Duhamagariye reta kurekura Garang John na Jacob Benjamin canke nibaba bafise ivyo bagirizwa, bategerezwa gushikanwa imbere y'ubutungane."

Iryo hagarikwa ryaranebaguwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu harimwo n'ishirahamwe ryishinze gukingira abamenyeshamakuru, The Committee to Protect Journalists (CPJ).

Ico gihe, uwuserukira CPJ mu karere ko musi y'ubugaragwa bwa Sahara, Muthoki Mumo yagize ati:"Iryo hagarikwa rihuye neza na neza n'inyifato y'abajejwe umutekano yo gushaka kuza barahagarika abantu hadakurikijwe amategeko igihe cose hari umutegetsi avuze ko ivyamuvuzweko bitajanye n'inyungu ziwe."

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yama atera akamo abategetsi ba Sudani y’Epfo abasaba guhagarika itoteza n’iterabwoba ku bamenyeshamakuru.

Perezida Kiir yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Sudani y’Epfo – igihugu gishasha ca Afrika- mu 2011.

Ariko kuva ico gihe, ico gihugu camye gihura n’ibibazo vyinshi, gica mu ndyane zikaze, imidugararo ya politiki, ibiza ndetse n'inzar