Sudani y’Epfo: Abanyamakuru bapfunzwe kubera videwo yerekana umukuru w’igihugu yiyononako

Salva Kiir yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Sudani y’Epfo – igihugu gishasha ca Afrika- mu 2011.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Salva Kiir yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Sudani y’Epfo – igihugu gishasha ca Afrika- mu 2011.

Na George Wright

BBC News

Abamenyeshamakuru batandatu muri Sudani y’Epfo barapfunzwe bahorwa ko bakwiragije videwo isa n’iyerekana Perezida Salva Kiir yiyononako, nk’uko bivugwa n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’abamenyeshamakuru.

Muri Kigarama (12), hari videwo yahanahanywe ku mbuga hwaniro yasa n’iyerekana Perezida Kiir yiyononako igihe ururirimbo rw’igihugu rwariko ruraririmbwa, hari mu birori.

Abamenyeshamakuru batandatu b’iradiyo y’igihugu barahagaritswe muri ino ndwi.

Ishirahamwe Comité pour la Protection des Journalistes/Committee to Protect Journalists (CPJ) ririko rirasaba ko aba bamenyeshamakuru barekurwa.

Patrick Oyet, umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru ba Sudani y’Epfo, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko aba bamenyeshamakuru "bikekwa ko bazi ingene iyi videwo y’umukuru w’igihugu ariko ariyononako yagiye ahabona”.

Iradiyo nkuru ya Sudani y’Epfo, South Sudan Broadcasting Corporation, ivuga ko itigeze itangaza iyo videwo.

Muthoki Mumo ahagarariye CPJ mu karere ka Afrika yo musi y’Ubugaragwa bwa Sahara asaba ko barekurwa ata kirinze gusabwa, akavuga ko ihagarikwa ryabo ryerekana ingene “abajejwe umutekano bitabaza gupfunga abamenyeshamakuru igihe cose abategetsi babonye amakuru atabanezereye”.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri Sudani y’Epfo, Michael Makuei, yabwiye Radio Ijwi rya Amerika ko abanyagihugu bakwiye kurindira bakamenya igituma aba bamenyeshamakuru bapfunzwe.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yama atera akamo abategetsi ba Sudani y’Epfo abasaba guhagarika itoteza n’iterabwoba ku bamenyeshamakuru.

Perezida Kiir yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Sudani y’Epfo – igihugu gishasha ca Afrika- mu 2011.

Ariko kuva ico gihe, ico gihugu camye gihura n’ibibazo vyinshi, gica mu ndyane zikaze, imidugararo ya politiki, ibiza ndetse n'inzara.